Ihayanisha-gurisha ry’ibidandazwa biva muri Tanzaniya ryatanguye i Bujumbura

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 27 Nyakanga 2017 saa 04:03
Yasomwe : 8073
0 0

Kuva kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 27, igihugu ca Tanzaniya catunganije ihanishwa gurisha ry’ibidandazwa biva mu gihugu ca Tanzaniya. Mu birori vyo kwugurura iryo hayanisha-gurisha, Christopher Chiza arongoye Tanzania Trade yamenyesheje ko intumbero yabo ari ugufasha kugira abadandaza bo mu Burundi n’abo mu gihugu ca Tanzaniya bashobore gukorera hamwe.

Yugurura ku mugaragaro iryo hayanisha-gurisha, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Dr Joseph BUTORE yavuze ko ihayanisha-gurisha ryateguwe n’igihugu ca Tanzaniya mu Burundi vyerekana ko abarundi bari ku kivi c’ibikorwa vy’iterambere.

Dr Joseph BUTORE yavuze ko igihugu c’Uburundi kizohakura akarusho, kuko ata gihugu na kimwe gishobora gukoresha ibiri hagati mu gihugu caco, ariko gitegerezwa gukenera ibihingurwa mu bindi bihugu kuko usanga bihingurwa ugutandukanye.

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu yavuze kandi ko abarundi bazohungukira akaryo ko kugura ibikorerwa mu gihugu ca Tanzaniya ku giciro co hasi, ndetse abatanzaniya bashobore kumenya ivyo abarundi bahurumbira.

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu yabandanije avuga ko abarundi bazohakura ubumenyi na cane cane mu gusuzuma uko abatanzaniya bahingura, nabo bashobore kwiga uko bobihingura neza kurusha ivyo bazoba babonye.

Christopher Chiza arongoye Tanzania Trade yavuze ko bashimye gutangurira ku babanyi kuko batotangurira ibikorwa nk’ivyo kure y’igihugu cabo hasanzwe hari urudandazwa rukorwa ku mpande zose abantu badashobora kumenya kandi ari ibiteza imbere Uburundi na Tanzaniya.

Christopher Chiza yateye akamo abadandaza hamwe n’abagwizatunga bo ku mpande zose gufata ako karyo kugira bashobore guhanahana urudandazwa.

Tubibutse ko iryo hayanisha-gurisha ry’ibidandazwa bihingurirwa muri Tanzaniya rizorangira kw’igenekerezo rya 1 Gitugutu 2017.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha