IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Bujumbura : Igitoro co mu bwoko bwa Esanse ntikiboneka mu bibanza bimwe (...)

Bujumbura : Igitoro co mu bwoko bwa Esanse ntikiboneka mu bibanza bimwe bimwe

lundi 15 janvier 2018

Aho twaciye mu gatondo ko kur’uyu wa mbere, igenekerezo rya 15 Nzero 2018, ku bituro bidandaza igitoro,igitoro co mu bwoko bwa esanse nticariko kiratangwa, icashobora kuboneka gusa ni ico mu bwoko bwa Mazutu.

Ku gituro kidandaza igitoro kiri hafi y’ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura, imbere y’ishirahamawe ryo kuziganya no kuguranana MUTEC , batubwiye ko baheruka igitoro co mu bwoko bwa esanse ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 12 Nzero 2018, kikaba caraye giheze uwo musi nyene.

Nayo ku gituro kidandaza igitoro kiri imbere y’ikibanza citiriwe ukwikukira, cegukira ishirahamwe Interpétrol, batumenyesheje ko baheruka igitoro ca Esanse ku musi wa gatanu, bakatubwira ko ikiharangwa ari amazutu gusa.

Alphonsine INAMAHORO, umwe mu bariko barondera igitoro co mu bwoka bwa Esanse yatumenyesheje ko amaze kuja mu bibanza bishika 4 arondera Esanse ariko atigeze aronka.

Twagerageje kurondera umuyobozi ajejwe ivy’ibitoro mu bushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu kugira agire ico abivuzeko, ariko ntitwashoboye kumuronka kuri terefone ngendanwa yiwe.


BUKURU Pacifique

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.