Bujumbura : Umugabo yagirizwa kwica umugore yaciriwe gupfungwa imyaka 20

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 24 janvier 2018 saa 08:57
Yasomwe :
0 0

Sentare Nkuru y’intara ya Bujumbura yaciriye urubanza rwo gupfungwa imyaka 20, umugabo yagirizwa kwica umugore wiwe mw’ijoro ryo kuwa 11 rishira uwa 12 Nzero 2018, ku mutumba Kizinga, komine Nyabiraba, intara ya Bujumbura Rural.

Umukuru wa sentare Nkuru ya Bujumbura Jeanine HABONIMANA yavuze ko Léonard NIYONGABO yaciriwe urwo rubanza kuko yagiriwe n’icaha co kwica umugore wiwe Anitha NAHIMANA akoresheje imbugita.

Kuva yishe umugore wiwe, Leonard NIYONGABO yaciye ahunga, ariko mu nyuma yahavuye ahagarikwa n’igiporisi, aca shikirizwa parike.

Urwo rubanza rwasomwe kuwa mbere, igenekerezo rya 22 Nzero 2018.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha