IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Bujumbura:Umukozi w’igisagara yakuwe mu kazi yagirizwa gucafuza izina (...)

Bujumbura:Umukozi w’igisagara yakuwe mu kazi yagirizwa gucafuza izina ry’umutegetsi

mercredi 17 janvier 2018

Ku rwandiko ruranga kandi rukerekana ko igitungwa cakingiwe rwatanzwe n’umuganga w’ibitungwa wa Reta, Jackson TUYISABE yacandagishije imbwa atunze, ayise izina ry’uwahoze arongoye igisagara ca Bujumbura.

Ivyo vyatumye umukuru w’igisagara ca Bujumbura Freddy MBONIMPA asohora urwandiko, rumenyesha Jackson TUYISABE ko ahagaritswe mu kazi yahora akorera mu buyobozi bw’igisagara ca Bujumbura.

Inyuma yo guhagarikwa mu kazi, umukuru w’igisagara ca Bujumbura Freddy MBONIMPA yandikiye uwutwara igiporisi c’inyamiramabi amusaba gushira mu butungane Jackson TUYISABE amwagiriza icaha co guhohotera izina ry’umutegetsi .


BUKURU Pacifique

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.