Accueil > Amakuru > Intwaro ibereye > Bururi : Abakuru b’imitumba bane bahagaritswe mu kazi
Bururi : Abakuru b’imitumba bane bahagaritswe mu kazi
jeudi 20 Ndamukiza 2017, par
Abakuru b’imitumba bane hamwe n’abahanuzi babo babiri bahagaritswe mu bikorwa bahora barangura, bose bakaba bagirizwa ko bahoneje ishamba cimeza ryo ku musozi wa Kaberenge, mu guca ibiti bigacanwamwo amakara yaca adandaza. Abo bahora barongoye abandi bagirijwe kandi ko banywa bakongera bakadandaza inzoga zitemewe n’amategeko.
Abo batandatu bahagaritswe inyuma y’aho Emmanuel NIMENYA, umukuru w’umutumba muri Vyanda intara ya Bururi apfungiwe n’igiporisi kuva kuri uwu wa gatandatu, akaba yagirizwa ko ahora aca ibiti mw’ishamba cimeza ryo ku musozi wa kaberenge, ivyo biti bigacanwamwo amakara yaca adandaza.
Uwo mukuru w’umutumba yafashwe hamwe n’uwundi muntu yahora aca ivyo biti abitumwe n’uwo mukuru w’umutumba.
Igiporisi cafashe kandi n’imifuko hafi 70 y’amakara yacanwe muri ivyo biti. Uwo mukuru w’umutumba akagirizwa kandi ko yahora ashora mu kinyegero imbaho zivuye muri ivyo biti.
IGIHE
Messages
20 Ndamukiza 2017, 19:17, par Charles hakizimana
Ntakundi bihangane kuko bavyitwayemwo nabi kuko "uwuhana umurozi amubitsa umwana"
20 Ndamukiza 2017, 19:17, par Charles hakizimana
Ntakundi bihangane kuko bavyitwayemwo nabi kuko "uwuhana umurozi amubitsa umwana"