IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Intwaro ibereye > Edouard NDUWIMANA:“Amashirahamwe adaharanira inyugu za poritike sayo (...)

Edouard NDUWIMANA:“Amashirahamwe adaharanira inyugu za poritike sayo kugumura nayo gutanga impanuro”

Tuesday 25 September 2018, by vianney

Mw’ijambo ryiwe ryo kugurura iyo nama Edouard NDUWIMANA yamenyesheje ko amashirahamwe adaharanira inyungu za poritike ari kirumara kandi akenewe kuko aterera mu buzima bw’abanyagihugu mu bisata vyose vy’igihugu.

Umuhuza w’abarundi Edouard NDUWIMANA yabwiye abitavye iyo nama ko mu ntumbero bihaye mu rwego rwabo aruko bokorana nayo mashirahamwe mu gutorera inyishu amatati yariyo yose.

Francois Xavier NDARUZANIYE arongoye ishirahamwe Izere Ntiwihebura ari mu bitavye iyo nama yabajije ikibazo kijanye n’amasanganya amaze imisi yibonekeza mu bice bitandukanye atumwa no kutubahiriza amategeko agenga uruja n’uruja.

Umuhuza Edouard NDUWIMANA yishuye ko reta yasohoye itegeko ryo kwaka urupapuro rutanga uburenganzira bwo kugendesha imodoka abatubahiriza amategeko agenga uruja n’uruza mu mabarabara.

Jean Marie NSHIMIRIMANA atwara ishirahamwe Ntabariza Ntiwihebure yabajije ibijanye n’amadosiye y’ abafungwa usanga bararekuwe ariko bakagumizwa mu mpimba.

Kurico kibazo umuhuza Edoauard NDUWIMANA yishuye ko basavye icegeranyo kijanye n’amadosiye y’abafungwa barekuwe ariko usanga bakiri mu mabohero mu misi iri imbere bagiye kuraba uko bazokorana n’ababijejwe kugira barabe ico korwa mu maguru masha mu ntumbero yo gutorera umuti ico kibazo.


Vianney BIKORIMANA

Forum posts

  • Iyo nama yari igamije kubwira amashirahamwe yose azogira ico avuze ku bitagenda neza mu gihugu ko azokwama yitwa ko agumura abanyagihugu. Nta kurinda kuyavuga ariyizi.

  • Nanje nashaka kumenyesha Nduwimana yuko akazi kuwurongoye ibiro vya Ombudsman nugutorera umuti amatati aba hagati yinzego za leta n;abanyagihugu. Ntabwo ari ugutera uruhagarara hagati yimigambwe canke guteranya abarundi . Nduwimana ivyo agira nagahomerabunwa

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.