IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Intwaro ibereye > Pascal BARANDAGAIYE yamenyesheje amashirahamwe akorera mu Burundi ivyo (...)

Pascal BARANDAGAIYE yamenyesheje amashirahamwe akorera mu Burundi ivyo ategerezwa kwisunga

Wednesday 3 October 2018, by vianney

Umushikiranganji Pascal BARANDAGIYE yamenyesheje ko ivyo ayo mashirahamwe asabwa n’ibijanye n’urupapuro rubemerera gukorera mu gihugu, gukora bisunze imigambi reta yasize imbere,kwerekana urukaratasi rwerekana ingene amafaranga ashingurwa n’ingene akoreshwa rutangirwa mu bushikiranganji bw’ikigega ca Reta hamwe no kwerekana mu myaka itatu ko bazoba bahejeje gukuraho ubusumbasumbane bw’abakozi hisunzwe ubwoko n’ibitsina.

Uyo mushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yavuze ko ku mwaka ku mwaka bazoza barasuzuma ko ivyo ayo mashirahamwe yiyemeje abikwirikiza.

Pascal BARANDAGIYE yasavye ubushikiranganji busanzwe bukorana nayo mashirahamwe “Ministeres techniques” gufasha ayo mashirahamwe kugira ivyo bazoba bariko bararondera babironke bitagoranye.


Vianney BIKORIMANA

Forum posts

  • KUBA UWO MUSHIKIRANGA YABIGIZE UKWO NIYIRAMBIRE KUBUTWARE BWIW.

  • Ama ONG nakorwemwo nubwoko bwose ataruko nibaje iwabo bagende bajanye datawanje abobantu binkundwakare gukorerayo akazi

  • Barundi namwe Barundikazi nta na rimwe muzagendera kumoko,igitsina,idini nirindi ringaniza ryose ngo muzagire aho mugera.Reka umuntu azajye bamuhitamwo bigendeye kubushobozi atari kubwoko.murakoze

  • Ese mutandukanya gute ubwoko? Amazuru se? Konzi abahutu bafite agororotse nabatutsi bafite amanini? Ese ko mperuka nyakubahwa perezida wa repubulika ari umukizwa yabwira abayoboye nkumu christu ko gutandukanya abantu kumoko biri

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.