IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Bururi : Abanyororo 64 barekuwe mu kigongwe c’umukuru w’igihugu

Bururi : Abanyororo 64 barekuwe mu kigongwe c’umukuru w’igihugu

mercredi 7 mars 2018

Abo barekuwe ku kigongwe c’umukuru w’igihugu kur’uyu wa mbere, bagizwe n’abagabo 59 hamwe n’abagore 5.

Nk’uko amakuru dukesha ubuyobozi bw’ibohero rikuru rya Bururi abimenyesha, abapfunzwe baciriwe gupfungwa ubuzima bwabo bwose bagiye ku myaka 20, abandi nabo bakaba bagiye ku gice c’igihano baciriwe.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi, Petero NKURUNZIZA,yatangaje ikigongwe ku banyororo, igihe yariko ashikiriza ijambo ry’umwaka mushasha wa 2018, aho yavuze ko abanyororo barenga 2000 aribo bazorekurwa, ingingo imaze gushirwa mu ngiro.

Igikorwa co gushira mu ngiro ikigongwe c’umukuru w’igihugu, catangurijwe mw’ibohero rikuru rya Ngozi, kuwa gatanu igenekerezo rya 16 Ruhuhuma 2018, gitanguzwa n’umushikirizamanza kizigenza wa Republika Slyvestre NYANDWI.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.