IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Bururi : Umunyeshure Armel RUBERINYANGE aridegemvya

Bururi : Umunyeshure Armel RUBERINYANGE aridegemvya

jeudi 2 Ruhuhuma 2017

Kuva inyuma y’umutaga wo kuwa kabiri igenekerezo rya 31 Nzero umwaka wa 2017,umunyeshure Armel Ruberinyange ari mu muryango,inyuma yo kurekurwa na Parquet ya Republika mu ntara ya Bururi.

Armel Ruberinyange yari amaze indwi zibiri apfungiwe mu gasho k’ibiro bikuru vy’igendereza, mu gisagra ca Bujumbura,ariko umushikirizamanza wa Republika i Bururi ntiyashimye gushikiriza vyinshi kw’irekurwa ryiwe.

Umunyeshure Armel Ruberinyange yari yahagaritswe ari kw’ishure rya Komine Nyakabingo,iri muri Komine ya Bisoro mu ntara ya Mwaro yagirizwa ubwicanyi.

Umuryango wa Armel Ruberinyange uranezerezwa n’irekurwa ryiwe,ariko ugasaba ko umutekano wiwe woncungerwa.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.