Accueil > Amakuru > Ubutungane > Cankuzo : Abacamanza babiri ba sentare y’intango bahagaritswe
Cankuzo : Abacamanza babiri ba sentare y’intango bahagaritswe
mercredi 6 juin 2018
Abo bahagaritswe ni Chantal Nizigama na Odette Hatungimana, bose uko ari babiri ni abacamanza muri sentare y’intango ya Cankuzo.
Amakuru ava mu Cankuzo, amenyesha ko abo bakenyezi babiri, boba banse ishirwa mu ngiro ry’urubanza rujanye n’amatati y’itongo, ku mutumba Muyaga, wa komine n’intara ya Cankuzo.
Umuvugizi wa sentare ntahinyuzwa Agnes BANGIRICENGE, aremeza ayo makuru, akamenyesha ko uko ari babiri, bagirizwa kugira imirwi irwana hamwe no gutuka abacamanza.
Agnes BANGIRICENGE, avuga ko ubu bariko barabazwa muri parike nkuru ikukira sentare isubiramwo imanza mu ntara ya Gitega.
MUGISHA Van Naris
Messages
6 juin 2018, 20:28, par Niyintunze Audace
None abo bacamanza bavugs yuko batutswe, bashaka bashaka bavuge yuko about bakenyezi babiri batazi amategeko y’akazi kabo ? Jewe mbona yuko hari hasanzwe hari ibindi bibazo hagati y’abo bandi.