IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Cankuzo : Amatoni 12 y’ikawa yari igiye kudandazwa muri Tanzaniya (...)

Cankuzo : Amatoni 12 y’ikawa yari igiye kudandazwa muri Tanzaniya yafashwe

mardi 28 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Iyo kawa yafashwe mu bucagucagu bw’uwu wa kabiri, nk’igihe c’isaha umunani z’ijoro, ku musozi Nyuro.

Imodoka (Camion) ifise iparati ndangamuduga A8418A niyo yariko yunguruza iyo kawa yari igiye kudandazwa muri magendu. Uwari ashoye iyo kawa yarasize igiporisi, nk’uko vyemezwa na Petero NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi.

Umudereva hamwe n’uwumufasha (Convoyeur) nibo bari mu minwe y’igiporisi.

Iyo kawa yatwawe ahakorera igiporisi mu ntara ya Cankuzo, hamwe n’iyo modoka yariko irayunguruza.

Mu giporisi bahanura abakora urudandazwa rwa magendu, kuko bafatwa nk’inkozi z’ikibi karuhariwe, abansi b’igihugu.

Abafashwe bashikirijwe ubutungane.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.