Cibitoke : Abiyunguruza n’imodoka basaba ko ikibazo c’igitoro gitorerwa inyishu

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 4 janvier 2018 saa 04:51
5175
0 0

Abanyagihugu bafata ingendo bava ku murwa mukuru w’intara ya Cibitoke bamenyesha ko ibiciro vyo kwiyunguruza vyadugijwe kuva mu mpera z’umwaka wa 2017. Abo banyagihugu bavuga ko ikibituma ari ikena ry’igitoro ryibonekeza muri iyo ntara.

Amakuru ava mu ntara ya Cibitoke, amenyesha ko haheze hafi indwi hari ubukene bw’igitoro ku murwa mukuru w’intara ya Cibitoke, bigatuma ku bituro haguma abantu benshi.

Ayo makuru amenyesha ko kuronka igitoro ku murwa mukuru w’intara ya Cibitoke bigoye, kuko naho kibonetse kiboneke kiri ku giciro c’amafaranga 6000 kw’iritiro kw’isoko ya magendu.

Ingaruka z’ikena ry’igitoro zamaze kwibonekeza aho mu ntara ya Cibitoke, kuko ibiciro vyo kwiyunguruza navyo vyaciye biduzwa amafaranga ari hagati ya 1000 na 500, ku bafata ingendo bava mu Cibitoke.

Abanyagihugu biyunguruza bakoresheje imiduga canke amapikipiki basaba ababijejwe gutorera inyishu ico kibazo, kuko ata gitoro n’ubundi buzima buca bugoyagoya.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha