Accueil > Amakuru > Ubutungane > Clément NKURUNZIZA yaheruka kwirukanwa muri Amerika yimuriwe mw’ibohero (...)
Clément NKURUNZIZA yaheruka kwirukanwa muri Amerika yimuriwe mw’ibohero rikuru rya Ngozi
samedi 7 Ndamukiza 2018, par
Clément NKURUNZIZA yahagaritswe n’igiporisi kw’igenekerezo rya 22 Ntwarante 2018, agishika ku kibuga c’indege ca Bujumbura, avuye mu gihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika aho yariko asaba ubuhungiro.
Imbere y’uko agarukanwa mu Burundi, abarundi barenga igihumbi barateye umukono ku rwandiko rusaba ko yoshikirizwa ubutungane bw’Uburundi, bamwagiriza ko yagize uruhara mu bwicanyi bwahitanye abanyeshure bo kuri Kaminuza y’Uburundi mu mwaka w’1995.
Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko uwo murundi yafashwe ku mvo z’amatohoza kuri ivyo yagirizwa, ariko ko ku mpapuro yaje afise, berekana ko yirukanwe kubera yaba muri Reta zunze ubumwe za Amerika adafise impapuro zimuha uburenganzira bw’ukuba muri ico gihugu.
Egide NDUWIMANA
Messages
7 Ndamukiza 2018, 15:53, par Dove
ok
7 Ndamukiza 2018, 16:32, par A
ntushobora guherana ideni ry’isi .nabandi bazofatwa
7 Ndamukiza 2018, 19:47, par Daniella
Afise,imyaka,ingahe??Uwo,mwicanyi?Amaraso,arahuma!Ese,nabandi,bofatwa,bagahanwa,atankunzi.
7 Ndamukiza 2018, 20:57, par Siméon NDAYIRUKIYE
Ivyisi birahinduka ntuze ukorere ikibi umuntu wishimikije ubukuru wiyumvira ngo uzokwama uri mukuru,uwo nawe nabanze yumve ivyo yakoreye abandi
8 Ndamukiza 2018, 05:17, par ndihokubwayo charles
clement nkuko tubisoma arashobora kuba yararenganijwe mukugenda muri amerika ntavyo uburundi bwanditse agiye gukora ???mukuvayo ntavyo banditse mwokorerako???amerika harico yababwiye imwagiriza???murekure yidegemvye???!
8 Ndamukiza 2018, 10:03, par Burundi
Iyinkuru iraryoshepe
8 Ndamukiza 2018, 16:33, par kagabo
Ni vyiza ubutungane bukore ariko nizere ko na Edouard Nduwimana aca afatwa kuko Ari mubakoze burya bwicanyi
9 Ndamukiza 2018, 05:09, par Dieudonné souple
Mubisanzwe umuntu nkuyo yakoze amabi nkayo,ni mu mugumize mumpimba ubuzima bwiwe bwose,ariko ivyo mubikore mufise icemezo neza ko ivyo yagirizwa ari ukuri.
9 Ndamukiza 2018, 09:17, par claude niyongabo
EE,koko ubutungane bugire butangure gukora none butangurira kumpuzi nibamureke kuko ari mubandi
9 Ndamukiza 2018, 10:00, par kankindi
komesha iyo mujeri
9 Ndamukiza 2018, 17:19, par leonnizigiyimana
ubutungane nibukore pe ariko ntiburabe nkunzi
9 Ndamukiza 2018, 17:22, par ruberintwari anaclet
Abamucira imanza barabanza nabo barabe ikigiga kiri mujisho ryabo, imbere yo kurondera kumukura akatsi kari mu jisho ryiwe. Umwicanyi uwariwe wese, ni yitwe umwicanyi kandi ahanwe bakurikije ivyo yakoze. Uwakoze amaraso, ari ubu canke kahise na kazoza, azopfa AYERERA NKA GAHINI.
Bibwirwa benshi bikumva benevyo. ntihakagire ukubitira agati mu ryinyo ngo biraheze, birarusha???
13 Ndamukiza 2018, 08:27, par mayugi
Clément est victime des extremistes hutus pour le moment sont influents au pouvoir. Le pays était en crise pendant ce temps, et il y a eu des débordements que personne ne pouvait éviter, le responsable de l’ASSER ce n’est pas lui qui doit répondre, il y’ avait le recteur, le vice-recteur, le chef social qui étaient plus responsables que le pauvre qualifié de hima par ceux là qui ont monnayé même son extradition.
17 Ndamukiza 2018, 15:12, par ALEXANDRE
NTAKUNDI,NAMBAYAGIZ’URUHARA MUKWIC’ABOBANYESHURE,NAFATWE.KUKW’INGEROY’ICAHA N’URUPFU.
18 Ndamukiza 2018, 14:57, par Pasco
Nibamukorereko Itohoza Bamubaze Abo Vyafadkanije Murubwo Bwicanyi.Ndibutse Abahutu Bahiciwe!