IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Clément NKURUNZIZA yaheruka kwirukanwa muri Amerika yimuriwe mw’ibohero (...)

Clément NKURUNZIZA yaheruka kwirukanwa muri Amerika yimuriwe mw’ibohero rikuru rya Ngozi

samedi 7 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

Clément NKURUNZIZA yahagaritswe n’igiporisi kw’igenekerezo rya 22 Ntwarante 2018, agishika ku kibuga c’indege ca Bujumbura, avuye mu gihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika aho yariko asaba ubuhungiro.

Imbere y’uko agarukanwa mu Burundi, abarundi barenga igihumbi barateye umukono ku rwandiko rusaba ko yoshikirizwa ubutungane bw’Uburundi, bamwagiriza ko yagize uruhara mu bwicanyi bwahitanye abanyeshure bo kuri Kaminuza y’Uburundi mu mwaka w’1995.

Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko uwo murundi yafashwe ku mvo z’amatohoza kuri ivyo yagirizwa, ariko ko ku mpapuro yaje afise, berekana ko yirukanwe kubera yaba muri Reta zunze ubumwe za Amerika adafise impapuro zimuha uburenganzira bw’ukuba muri ico gihugu.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.