IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > "Ntitwanjwanjwe turi kugahiye."

"Ntitwanjwanjwe turi kugahiye."

vendredi 7 Mukakaro 2017

Mu rugendo yagize ahariko habera ihayanishwa ry’ibintu bitandukanye bihingurirwa mu Burundi,ku kibuga “Tempete “, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD yamenyesheje ko abarundi bashoboye guhingura ibintu vyinshi vyotuma biteza imbere,bagateza imbere n’igihugu.

Evariste NDAYISHIMIYE yavuze ko mu Burundi hari ibiterwa bidashobora kuboneka mu bindi bihugu, vyofasha kugira bahinguremwo ibikoresho vyo mu buzima bwa minsi yose ,guhurumbira ibiva hanze bigasezererwa.

Evariste NDAYISHIMIYE yavuze ko igihugu c’Uburundi gifise ivyo giteza imbere, ndetse bikavamwo n’amafaranga y’agaciro .

Evariste NDAYISHIMIYE yavuze ati : «Tuje ku kivi kuko turatunze isi nziza , Ntitwanjanjwe turi ku gahiye, vyogenda gute abantu bazane intebe ziva hanze y’igihugu hano hariho abakora intebe nziza zikorwa mu mapine

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD Evariste NDAYISHIMIYE yateye akamo kandi abantu kugira bakoreshe ubumenyi bafise, bashobore gucura no guhingura ibikoresho bitandukanye bivuye mu butunzi igihugu gisanzwe gifise,bikaba vyotuma abantu baharonkera n’akazi

Evariste NDAYISHIMIYE yavuze ati : «Twoshobora gukoresha ibintu vyacu tukabihingura ata banyamahanga barimwo nk’uko ba sokuru babikora , uwuzokwegeka ubuki amenye ko hariho uwuzobuhingura hama abushore hanze

Iryo hayanishwa ry’ibihingurirwa mu Burundi ryatanguye kw’igenekerezo rya 30 ruheshi rikazosozerwa kw’igenekerezo rya 9 mukakaro 2017.


Vianney BIKORIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.