IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Gatumba : Abasirikare bafashe inzoga zinjiye mu nzira za magendu

Gatumba : Abasirikare bafashe inzoga zinjiye mu nzira za magendu

jeudi 25 janvier 2018

Abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, Gaspard BARATUZA avugira ubushikiranganji bwo kwivuna abansi, Gaspard BARATUZA amenyesha ko ivyafashwe bigizwe n’inzoga z’injabuka zo mu bwoko bwa Drosty amaduzene atanu n’igice,Amalura amaduzene abiri n’igice, amacupa 11 ya Martini,amacupa 6 ya Cellar n’udusaho 400 tw’amata y’ifu yo mu bwoko bwa YOLA.

Gaspard BARATUZA avugira ubushikiranganji bwo kwivuna abansi amenyesha ko ivyo bidandazwa vyafashwe n’abasoda bakorera mw’ikambi y’111 yo mugatumba, vyaciye bishikirizwa ikigo kijejwe kwegeranya amakori n’amatagisi OBR.

JPEG - 42.3 ko
Umusirikare ashikiriza umukozi wa OBR ivyafashwe

Kuwa kabiri igenekerezo rya 23 Nzero 2018, aho muri zone Gatumba nyene, harafatiwe amacupa 40 y’inzoga zo mu bwoko bwa Drosty , atekewe mu mufuko w’intore.

JPEG - 53.6 ko
Inzoga n’amata vyafatiwe mu Gatumba

MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.