Gildas YIHUNDIMPUNDU akorera Radiyo BBC yarekuwe

Yanditswe na IGIHE
Kuya 24 octobre 2016 saa 05:36
Yasomwe : 21456
0 0

Gildas YIHUNDIMPUNDU, umumenyeshamakuru wa radiyo BBC yari yafatiwe kuri w’Imana muri karitiye ya Mutakura, zone Cibitoke, mu gisagara ca Bujumbura, yarekuwe kuri uwu wa mbere. Yari yaraye ijoro rimwe mu gasho k’igendereza i Bujumbura.
Uwo mumenyeshamakuru yarekuwe nk’igihe c’isaha umunani n’iminota mirongo itatu, akaba yarekuwe hamwe n’uwugendesha imodoka yariko arabunguruza.
Julia Steers, umumenyeshamakuru w’umunyamerikakazi nawe nyene bari kumwe yarekuwe ejo kuw’Imana, akaba yafashe urugendo (...)

Gildas YIHUNDIMPUNDU, umumenyeshamakuru wa radiyo BBC yari yafatiwe kuri w’Imana muri karitiye ya Mutakura, zone Cibitoke, mu gisagara ca Bujumbura, yarekuwe kuri uwu wa mbere. Yari yaraye ijoro rimwe mu gasho k’igendereza i Bujumbura.

Uwo mumenyeshamakuru yarekuwe nk’igihe c’isaha umunani n’iminota mirongo itatu, akaba yarekuwe hamwe n’uwugendesha imodoka yariko arabunguruza.

Julia Steers, umumenyeshamakuru w’umunyamerikakazi nawe nyene bari kumwe yarekuwe ejo kuw’Imana, akaba yafashe urugendo rumujana muri Kenya aho akorera, kuri uwu wa mbere mu gatondo.

Bari bafatiwe kw’ibarabara ry’umunani nomero 40, ku nzu yagandaguriwemwo abana babiri b’amasaha hamwe na se wabo, kw’igenekerezo rya mbere Mukakaro 2015, aho akaba ari mu gihe bariko bakora ku vyerekeye amazu yatawe na beneyo kubera ivyabereye muri iyo ako gace kamwe mu twiyamirije ugusubira kwitoza kw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

Bagifatwa, baciye bajanwa kubarizwa ku biro vya zone Cibitoke. Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, OP1 Pierre NKURIKIYE yamenyesheje ko bahagaritswe ku mvo z’amatohoza, kuko bafashwe bariko bafotora ikinogo cahambwemwo abantu ikivunga (fausse commune) batabimenyesheje abajejwe intwaro hamwe n’umutekano.

"Ivyo bibanza bitegerezwa gukingirwa kuko n’ivyemezo bihambaye ku bwicanyi bwakozwe n’abagumutsi", nk’uko vyari vyamenyeshejwe n’umuvugizi w’igiporisi


Kumenyekanisha

1
Nsanzamahoro Diedonene 11-11-2016 à 20:18

Ahubwo Baribakwiy Gukugwa Mukaz Guko Ubwonubugumuc Mubundi Nihamwe Bacabagenda Kubesha Ngobabony Ibinogo Bigumba Kuzohambwa Mwabantu

2
[email protected] 25-10-2016 à 17:32

NIBUGENDE NTIBUZOSUBIRE

3
Issa 24-10-2016 à 19:27

Ariko na Nkurikiye aratwenza abantu,ivyo bibanza vyoba bihari koko mugaca muba abambere gutinya amatohoza,reka sha turazi ko Ari nwebwe nyene mwabihamvyemwo inzirakarengane igihe mwariko mushira mu ngido mushira mu ngiro umugambi kora

4
barikukivi 24-10-2016 à 19:09

yategerezwakurekugwa kukoyafatanwe numunyamerika uwuhagarikiwe ningwe aravoma

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha