Gitega : Abagirizwa igitero c’I Bugendana baciriwe ibihano na sentare y’intara

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 14 juin 2018 saa 11:16
16065
0 0

Sentare Nkuru y’intara ya Gitega yaciriye gupfungwa ubuzima bwose, umusirikare w’ipete rya Caporal, umwigeme nawe imucira gupfungwa imyaka icumi, nayo umugabo w’umurimyi imucira ihadabu y’ibihumbi 50, mu rubanza rw’ikibiriraho rwo kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 13 Ruheshi 2018, bagirizwa gutegura no gutuma haba ubwicanyi, ku mutumba Mirama wa komine Bugendana, mu ntara ya Gitega, bwahitanye umuntu umwe yitavye Imana n’abandi bakomeretse.

Abo bahawe ivyo bihano ni Caporal Emmanuel NGENDANZI, umwigeme Emilienne NAHIMANA, yagirijwe kuba yaragize uruhara mu gitero, hamwe na Joseph BANRYAMBONA yagirijwe kuvuga amajambo atera ubwoba.

Hejuru yo gupfungwa, Emmanuek NGENDANZI yaciriwe gutanga kandi imiriyoni 10 z’amafaranga y’amarundi nk’indishi y’umubabaro ku muvyeyi wa Corneille NDIKUMANA yitavye Imana muri ico gitero, Joseph BANRYAMBONA nawe acibwa gutanga ihadabu y’ibihumbi 50 vy’amarundi atayaronse agapfungwa amezi atatu.

Ico gitero cabaye mw’ijoro ryo kuwa 31 Rusama 2018, ku mutumba Mirama wa komine Bugendana, intara ya Gitega cahitanye umuntu umwe yitavye Imana, abandi 4 barakomereka.

Uwuburanira abo batatu, yavuze ko bagiye kwunguruza urubanza.


Kumenyekanisha

1
J.Marie MPAWENIMANA 15-06-2018 à 06:31

Turashimiye Inyamiramabi,n’ubucamanza,bo bitanze muri ico gikogwa murakoze

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha