Gitega : Abagirizwa ubusuma muri COOPEC baciriwe gupfungwa imyaka 15

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 6 février 2018 saa 01:45
5490
0 0

Abagabo batandatu bagirizwa kwiba amafanga mw’ishirahamwe ryo kuziganya no kuguranana COOPEC mu ntara ya Gitega, baciriwe gupfungwa imyaka 15 na sentare nkuru y’intara ya Gitega.

Uko ari batandatu bagirizwa kwiba amafaranga imiriyoni 66 227 510 z’amarundi kw’igenekerezo rya 31 Kigarama 2017.

Mu ntango bari bafashwe ari icumi, ariko abaporisi babiri n’abanyezamu babiri bari bacunze COOPEC Gitega bejejwe na sentare.

Urubanza rwari rwashizwe mu mwiherero,kuwa gatatu igenekerezo rya 17 Nzero 2018, inyuma y’uko abagirizwa bumvirijwe bagasabirwa na sentare gupfungwa imyaka iri hagati ya 20 na 30.

Urubanza rwa mbere rwari rwabaye kuwa kabiri igenekerezo rya 9 Nzero 2018, ariko ruca rwungururizwa ku rindi sango, kuko uwari yaserukiye COOPEC yari yasavye umwanya wo kubanza gusoma neza dosiye y’urubanza.

Uwuburanira abagirizwa ubusuma yavuze ko bagiye kwunguruza urubanza.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha