Abarengutse bari mu mirwi ibiri, umwe ugizwe n’abaporisi, uwundi ukagirwa n’abanyezamu bari baraririye ububiko bwa COOPEC Gitega.
Abaporisi bagirizwa muri urwo rubanza basabiwe gupfungwa imyaka ibiri, mu gihe abandi bantu batandatu barimwo abanyezamu basabirwa gupfungwa imyaka iri hagati ya 20 na 30.
Urubanza rwa mbere rwari rwabaye kuwa kabiri igenekerezo rya 9 Nzero 2018, ariko ruca rwungururizwa ku rindi sango, kuko uwari yaserukiye COOPEC yari yasavye umwanya wo kubanza gusoma neza dosiye y’urubanza.
Abo barengutse bagirizwa ubusuma muri COOPEC yo mu ntara ya Gitega, kw’igenekerezo rya 31 Kigarama 2017 , y’amafaranga 66 227 510 y’amarundi.
Abagirizwa ubwo busuma barahakana ivyo bagirizwa, bagasaba ahubwo ko borekurwa.
IZINDI NKURU ZIJANYE N'IYI |
![]() Mairie –Ntahangwa : Abagirizwa kudandaza inzoga zitemewe n’amategeko baciriwe urubanza
6.11.2018 |
![]() Gitega :Abagirizwa kwica bunyamanswa uwugendeshe ipikipiki baciriwe urubanza
30.10.2018 |
![]() Itegeko rishasha rigenga umurwi CVR ryemejwe n’inama nshingamateka
26.10.2018 |
![]() Rutana:Uwagirizwa gushurashuza umukehabwenge yaciriwe urubanza
25.10.2018 |
![]() Rutana:Uwagirijwe kwica se wiwe yaciriwe umunyororo w’ubuzima bwose na sentare y’igihugu
15.10.2018 |
SOMA IZINDI NKURU MURI "Ubutungane"... |