Gitega: Abayoboke 4 b’umushingamateka Agathon RWASA binjijwe ibohero rikuru

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 28 Ruheshi 2017 saa 09:28
Yasomwe : 6228
0 0

Abanywanyi bane b’umugambwe FNL urongowe n’umushingamateka Agathon RWASA barinjijwe ibohero rikuru rya Gitega,kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 27 Ruheshi 2017,inyuma y’iminsi itari mike bari bapfungiwe mu gipolisi ku murwa mukuru wa Gitega.

Abo bashikanywe mw’ibohero rikuru rya Gitega ni NZAMBIMANA Edouard, NDUWARUGIRA Jean Paul, MANIRAMBONA Maurice hamwe na NDUWAYEZU Alain batazira Laine bose bava ku mutumba Bwoga uri muri Komine n’intara ya Gitega.

Amakuru ava mu burongzi bw’umugambwe FNL urongowe na Agathon RWASA aho mu ntara ya Gitega, amenyesha ko uko ari bane bose bava ku mutumba wa Bwoga, uri muri komine n’intara ya Gitega.

Ukwo ari bane bayoboka umushingamateka Agathon RWASA bari bafashwe n’igipolisi bagirizwa kuba bari mu murwi ugira imitego mw’ijoro,igasahura abantu.

Mu burongozi bw’umugambwe FNL urongowe n’umushingamateka Agathon RWASA mu ntara ya Gitega, bamenyesha ko abanywanyi babo ata kindi bariko barazira atari ivyiyumviro vya politike, bagasaba ubutungane gukora bidegemvya kugira ababo barekurwe.


Kumenyekanisha

1
buziyo 28-06-2017 à 20:11

reka badutoteze batuziza ubusa ariko ndazi ko hari umusi bazokwicuza.

2
evrard 28-06-2017 à 19:20

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha