Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Gitega: Abunguruza abantu n’imodoka basaba ko igitoro cotangwa nkuko (...)
Gitega: Abunguruza abantu n’imodoka basaba ko igitoro cotangwa nkuko vyahora
mercredi 22 Ntwarante 2017
Inyuma y’indwi irenga haboneka ubukene bw’igitoro ku murwa mukuru w’intara ya Gitega,Abagendesha imodoka zunguruza abantu muntara ya Gitega basaba kuronswa igitoro kugira bashobore kurangura imirimo yabo neza.
Abunguruza abantu bamenyesha ko haheze ikiringo c’indwi irenga kuronka igitoro ari ikibazo gikomeye, kuko mbere hari n’ibituro bitanga igitoro bisa naho vyugaye burundu.
Ingaruka z’iryo kena ry’igitoro zamaze gutangura kw’ibonekeza kuko ibiciro vyo kwiyungura uva mu gisagara ca Gitega uja mu zindi ntara zo hagati mu gihugu canke uja mu gisagara ca Bujumbura vyaduhijweko amafaranga.
Abiyunguruza muri izo modoka basaba ko igitoro cosubira gutangwa, ingendo zikorwe ku gihe, kuko kuva igitoro gitanguye kubura mu ntara ya Gitega, abiyunguruza badashika ku mwanya baba bipfuza gushikirako.
IGIHE
Messages
23 Ntwarante 2017, 07:36, par k
dhsfh
25 Ntwarante 2017, 13:50, par Nzimenya jean claude
Kweri muragize neza nomuntara ya muyinga ivyo biriho kirashobora kuduzwa ibei.
26 Ntwarante 2017, 06:26, par 61613598
mbega tugiye kuba abande?Tugir ubuken buduhanze twebw aban buburund twongerek nubwigitoro nabwo!
26 Ntwarante 2017, 21:47, par Deo
Umwami mwambutsa ava iwacu igitega iryo niteka none tubure igitoro kweri?Niwabo nabami mwibaze!!