IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Gitega: Abunguruza abantu n’imodoka basaba ko igitoro cotangwa nkuko (...)

Gitega: Abunguruza abantu n’imodoka basaba ko igitoro cotangwa nkuko vyahora

mercredi 22 Ntwarante 2017

Inyuma y’indwi irenga haboneka ubukene bw’igitoro ku murwa mukuru w’intara ya Gitega,Abagendesha imodoka zunguruza abantu muntara ya Gitega basaba kuronswa igitoro kugira bashobore kurangura imirimo yabo neza.

Abunguruza abantu bamenyesha ko haheze ikiringo c’indwi irenga kuronka igitoro ari ikibazo gikomeye, kuko mbere hari n’ibituro bitanga igitoro bisa naho vyugaye burundu.

Ingaruka z’iryo kena ry’igitoro zamaze gutangura kw’ibonekeza kuko ibiciro vyo kwiyungura uva mu gisagara ca Gitega uja mu zindi ntara zo hagati mu gihugu canke uja mu gisagara ca Bujumbura vyaduhijweko amafaranga.

Abiyunguruza muri izo modoka basaba ko igitoro cosubira gutangwa, ingendo zikorwe ku gihe, kuko kuva igitoro gitanguye kubura mu ntara ya Gitega, abiyunguruza badashika ku mwanya baba bipfuza gushikirako.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.