IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Gitega : Patiri Jean Marie CIZA apfunzwe yagirizwa gushaka gushurashuza ku (...)

Gitega : Patiri Jean Marie CIZA apfunzwe yagirizwa gushaka gushurashuza ku nguvu umukobwa

mercredi 17 Rusama 2017

Amakuru ava mu giporisi c’Uburundi amenyesha ko Patiri CIZA Jean Marie yafashwe ku muhingamo wo kuri uno wa kabiri n’igendereza rikorera mu ntara ya Gitega, aca ashikirizwa Parake y’aho i Gitega. Abakozi b’igendereza bamuhagaritse bari bafise umutahe w’umushikirizamanza mukuru w’intara ya Gitega.

Inyuma y’ukwumvirizwa na Parake nkuru ya Gitega, Patiri CIZA yaciye ajanwa gupfungirwa mw’ibohero rikuru rya Gitega, kw’itegeko ry’umushikirizamanza mukuru w’intara ya Gitega, ashikanwa muri iryo bohero mw’ijoro.

JPEG - 25.6 ko
Patiri CIZA Jean Marie yagirizwa ico caha

Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi Pierre NKURIKIYE yabwiye kuri uwu wa gatatu abamenyeshamakuru ko Patiri Jean Marie CIZA yafashwe kubera amasanamu umwigeme yajanye mu giporisi yerekana igihe Patiri Jean Marie CIZA yariko agerageza gufata ku nguvu uwo mwigeme w’umunyeshuri yiga mu mwaka w’icenda.

Pierre Nkurikiye avugira igiporisi amenyesha ko atari irya mbere uwo mupatiri yagirizwa ico caha, kuko aho yahoze aba mu gihugu c’Ubufaransa yigeze gufatwa, mu nyuma ararekurwa, agaruka mu Burundi, n’aho nyene akaba yagirizwa ko ugushaka gufata ku nguvu abana bakiri bato.

JPEG - 43.8 ko
Petero NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

Patiri Jean Marie CIZA apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Gitega kuva ku mugoroba wo kuri uno wa kabiri, akaba yari asanzwe ari umuhanuzi mu biro vya Musenyeri wa Diyoseze nkuru ya Gitega.

Mu Diyoseze nkuru ya Gitega bavuga ko bazi ko uwo Musaseredoti yahagaritswe, ariko ko bakiriko barabaza icatumye ahagarikwa akajanwa mw’ibohero.

Patiri CIZA Jean Marie arumvirizwa kandi n’umushikirizamanza mukuru w’intara ya Gitega ku muhingamo wo kuri uwu wa gatatu.

Messages

  • Imana Imujimbere. Ark None, Uwo Mukobwa Yarashurashujwe Yongera Abariwe Yifatira Amasanamu? Birateye Amakenga.

  • Nakamaramaza,kumuntu nkuwo yi yita ngo ni padiri!, icombona nuko abapatiri borongora abagore nkabandi, bakareka kwitenga ivyo bataribushobore. kuja mwijuru sukutarongora, urashobora kutarongora ijuru uwarongoye akarigutangamwo.
    uwonuwumenyekanye abikingibisaka ni beshi biyitirira abavugira Imana.

  • Nukuri Iryo Banga Ryigipadiri Nukwishira Amasezerano Imbere Batari Bushobore Papa Natange Itegeko Barongore Bakorere Imana Bafise Abagore Guko Kuzana Umugore Nisezerano Ryimana None Abobavutseko Bazovyarwa Nande?Heee!! Bakobwa Namwe Bagore Mugendane Amakenga Kubapadiri Bakino Gihe!!!

  • nn nya mupatir abivugakwik? nn ic cah aracemer? nn aragurir ubutumw heh? kur paruas iyih?

  • Imana imutabare
    Kandi kwiyumviro ko icokiza Kiriziya ya Roma ari uko borongora sivyo kuko uhere kubagabo dusanzwe twubatse ko infidelité idahera Abapastori data bararongora murabaza infidelité iriyo
    Ahubwo vyiza abasenga nibasengere uwo Musaserdoti Imana imutabare yo izi ukuri kandi ikabona vyose .Kandi n’uwo mwigeme yubahutse akwiye gusengerwa Imana imutabare yo ibona vyose kandi ni inyembabazi

  • NARI NIFUJE KWIBARIZA UYO MWIGEME? UMUNTU ARIKO AFATWA KUNGUVU ARASHOBORA GUFATA AMASANAMU, NIMBA ATAVYO AZI ARAGENDA ABAZE ABABIKOREWE INGENE BIGENDA HANYUMA AREKE GUKORA MUNKOVU ABO VYASHIKIYE. CANKE ATUBWIREKO BARIBAVYUMVIKANYE. AKABA NAHO ARIKO AREMEKA INTEBA ISHUSHE UYO MUSASERDOTI IMANA NIYO CABONA IZOBIMUHERE IMPERA BIKWIRANYE

  • Ni Bab bareka guhuma amaso amakungu,ahubwo siwe wenyen nabandi bapatiri bamw bamw nukwo,nibabe bareka kwiyemez ivyo badashoboy naho twes twambay umubiri mugabo kera patiri yarubahwa arik ubu nagahomera bunwa,j mbon papa yobareka bakarongora, murarabe usang barongor ababikira! kand tumenyeko nabonyen arabantu nkatw!

  • Nanje Ico Nobivugako Uwo Mupatiri Usanga Arenganwa Kubera Ntivyumvikana Ko Yokwagirizwa Ko Yagomba Kumufata Kunguvu Hama Bagaca Batera Bamujana Mumpimba Nibarabe Basubiremwo Amatohoza.Ikindi Naco Naho Vyoba Vyashitse Agatirimuka Ntitumutwenge Ikintu Co Gusambana Gishikira Benshi Ego Data Wanje Yoba Yarahemutse,abubatse Nabo Baja Gusambana Bafise Abagore Twovyita Gute?Jewe Ico Mbona Uwugiye Gusambana Asiga Umugore Muhira Aba Amenje Kurusha Nuwo Musasledoti Ntitumucire Rubi Rero.

  • Nanje Ico Nobivugako Uwo Mupatiri Usanga Arenganwa Kubera Ntivyumvikana Ko Yokwagirizwa Ko Yagomba Kumufata Kunguvu Hama Bagaca Batera Bamujana Mumpimba Nibarabe Basubiremwo Amatohoza.Ikindi Naco Naho Vyoba Vyashitse Agatirimuka Ntitumutwenge Ikintu Co Gusambana Gishikira Benshi Ego Data Wanje Yoba Yarahemutse,abubatse Nabo Baja Gusambana Bafise Abagore Twovyita Gute?Jewe Ico Mbona Uwugiye Gusambana Asiga Umugore Muhira Aba Amenje Kurusha Nuwo Musasledoti Ntitumucire Rubi Rero.

  • Mbega uwo mukobwa yafase ayo masanamu gute bariko baramufata kunguvu? Birimwo amahinyu. Mbega aho mu bufaransa barikumwe na nde kugire twemeze ayo makuru kotuziko igipolisi ci bufransa atarico kimwe nico mu burundi ? L’Etat ihitondere kuko turumva kandi turabona ivyo mu Burundi.

  • Turasavye muze muturungikire ifotovy’uwo mwigeme tumukeze ukuntu yafashwe kunguvu ariko yifata amafoto / ndabona abaye uwa mbere abishoboye we sumuhinga nk’abandi.

  • Burya mu bintu bigoye gutunga umubiri urimwo.Rero twovuga make kwivyo tukareka guca urubanza hataragera tukarindira ico intahe izoshikiriza nakare birabujijwe gucira urubanza abandi.

  • Mugirire Imbabazi Uwo Mupatiri Ntawudacumura Kwisi Ntamweranda Ariho. Ahubwo Papa Nabareke Abapatiri Bazane Abagore79362660

  • Ndababazwa n’abantu bashigikira uwo mupadiri n’amasanamu araho nabonye kuza whatsup. Coup de chapeau uwomukobwa yashoboye kuyafata . Baramvikanye canke batumvikanye Ni ibara kuryamana n’abana ujejwe canke ureze kuko bavyota gukora amabi wishimikije ubutegetsi ufise kiwo mwigeme. Bravo a elle ubu les filles burundaises baramaze kumenya ico arico violence sexuelle. Kuko nubwo aba atagukozeko ariko akambura impuzu imbere yawe mutabivuganye bihanwa n’amategeko. Ahubwo bamugumize mugasho forever ntaze asubire kwemeregwa kwegera ahantu hari abana

  • NIYABA YAGIRIZWA VYUKURI ICAHA,NAHANWE KUKO NUMUNTU NKABANDI.TWESE TURANGANA IMBERE YAMATEGEKO./NDIPFUZA CANE AMA VIDEOS YIWE YIRYO YEREKANA IRYO BARA.MURAYANDUNGIKIRA KWI COMPTE YA FACE BOOK YANJE:PATRI MANIRAKIRA.nb.ni patri atari patiri.kuri gmail yanje naho.ntakatuzo kariko kuri dieudonné nidieudonné.

  • Nahanw kuk nimana,izomuhan kuk ahemuts kuk amenye ibang.

  • Biragoy Tumurek Harya Arik Asom Imisa Umutima Waba Uri Kuruwo Mukobwa,nasab Ikigongw Hama Bamurek Yirongorer J Niwo Muti Mbona Kuk Ntiryari Ribay Iryambere,mugb Iyo Apfuma Aja Muba Masoeur Nah Arico Kimw

  • Ntabwo Koba Kumubeshe Uwomwigeme Akabayakoresheje Mantage Muri Ayo Masanamu Yerekanye Umupatir Muzima Yokubahuka Gukora Ivyo Biterasoni

  • Naho Woba Urikijuju Gute Ntakuntu Woshurashuza Umuntu Wongere Ngo Umureke Agufate Isanamu? Ivyo Bintu Birimwo Tubiri.

  • arivyo yohanwa namategeko abijejwe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.