Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gitega : Ubukene bw’igitoro bwatumye ibiciro vyo kwiyunguruza (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Gitega : Ubukene bw’igitoro bwatumye ibiciro vyo kwiyunguruza (...)

Gitega : Ubukene bw’igitoro bwatumye ibiciro vyo kwiyunguruza biduga

mercredi 3 janvier 2018

Amakuru ava ku murwa mukuru w’intara ya Gitega, amenyesha ko ubukene bw’igitoro aho kidandarizwa bwatanguye kwibonekeza kuva ku munsi w’Imana igenekerezo rya 31 Kigarama 2017.

Ayo amkuru nyene amenyesha ko ubu iritiro y’igitoro co mu bwoko bwa Essence iyo kibonetse ku bakidandaza binyegeje, igurwa hagati y’ibihumbi bine n’ibihumbi bine n’amajana atanu.

Abagendesha amapikipiki n’imiduga yunguruza abantu bamenyesha ko, ingaruka y’ikena ry’igitoro nabo yabakozeko, bigaca bituma baduza ibiciro vyo kwiyunguruza, kuko nabo igitoro baba bakironse kizimvye.

Bavuga ko ku biciro vyari bisanzwe bongeyeko amafaranga ari hagati y’1000 n’amajana atanu kugira nabo ntibakorere guhomba.

Abo bunguruza abantu basaba ko mu bushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu, ubutare n’agataka bokora ibishoboka vyose kugira igitoro gisubire kuboneka, ku murwa mukuru w’intara ya Gitega.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu, ubutare n’agataka aremeza iryo kena ry’igitoro ku murwa mukuru w’intara ya Gitega, akavuga ko ari akagorane gato kibonekeje mu gutanga igitoro.

Umuvugizi w’ubushikiranganji avuga ko yamaze kuvugana n’umuyobozi ajejwe igitoro mu bushikiranganji, akamumenyesha ko ico kibazo kiriko kirirwa kugira gitorerwe umuti.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.