Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Gitega : Ubukene bw’igitoro bwatumye ibiciro vyo kwiyunguruza (...)
Gitega : Ubukene bw’igitoro bwatumye ibiciro vyo kwiyunguruza biduga
mercredi 3 janvier 2018
Amakuru ava ku murwa mukuru w’intara ya Gitega, amenyesha ko ubukene bw’igitoro aho kidandarizwa bwatanguye kwibonekeza kuva ku munsi w’Imana igenekerezo rya 31 Kigarama 2017.
Ayo amkuru nyene amenyesha ko ubu iritiro y’igitoro co mu bwoko bwa Essence iyo kibonetse ku bakidandaza binyegeje, igurwa hagati y’ibihumbi bine n’ibihumbi bine n’amajana atanu.
Abagendesha amapikipiki n’imiduga yunguruza abantu bamenyesha ko, ingaruka y’ikena ry’igitoro nabo yabakozeko, bigaca bituma baduza ibiciro vyo kwiyunguruza, kuko nabo igitoro baba bakironse kizimvye.
Bavuga ko ku biciro vyari bisanzwe bongeyeko amafaranga ari hagati y’1000 n’amajana atanu kugira nabo ntibakorere guhomba.
Abo bunguruza abantu basaba ko mu bushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu, ubutare n’agataka bokora ibishoboka vyose kugira igitoro gisubire kuboneka, ku murwa mukuru w’intara ya Gitega.
Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu, ubutare n’agataka aremeza iryo kena ry’igitoro ku murwa mukuru w’intara ya Gitega, akavuga ko ari akagorane gato kibonekeje mu gutanga igitoro.
Umuvugizi w’ubushikiranganji avuga ko yamaze kuvugana n’umuyobozi ajejwe igitoro mu bushikiranganji, akamumenyesha ko ico kibazo kiriko kirirwa kugira gitorerwe umuti.
MUGISHA Van Naris