IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Gitega: Ubukene bw’igitoro bwatumye ibiciro vyo kwiyunguruza (...)

Gitega: Ubukene bw’igitoro bwatumye ibiciro vyo kwiyunguruza biduga

mardi 3 Gitugutu 2017

Amakuru ava mu bunguruza abantu ku murwa mukuru w’intara ya Gitega bamenyesha ko bamaze ikiringo kirenga ukwezi kuronka igitoro ari ikibazo, niyo kibonetse ica magendu kiba kizimvye gushika ku mafaranga 4000 vy’amarundi kw’iritiro imwe.

Abo bunguruza abantu bavuga ko nkuko nabo ubukene bw’igitoro bwamaze kubagirako ingaruka, n’abo bunguruza nabo bibakorako, kuko baca baduza ibiciro vyo kwiyunguruza, gushika ku ncuro zibiri bivuye ko nabo igitoro bakigura kizimvye aho niyo kibonetse.

Abunguruza abantu ku mapikipiki bamenyesha ko aho bahora bagenda ku mafaranga ari hagati ya 2500 na 3000 ubu bahagenda ku mafaranga ari hagati ya 4000 na 5000, kugira bashobore kubandanya bakora baronka nayo baha ba nyene amapikipiki.

N’abunguruza abantu bakoresheje imodoka babajana mu zindi ntara babavanye mu gisagara ca Gitega, baradugije ibiciro, bakaba badugije hagati ya 1000 na 2000 ku biciro vyari bihasanzwe.

Mu kwezi kwa Myandagaro 2017,ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu, ubutare n’agataka bwari bwamenyesheje ko ikena ry’igitoro ryari ryibonekeje mu mezi ya Ndamukiza, Rusama na Ruheshi ryatorewe inyishu.

Mw’itangazo ry’ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu, ubutare n’agataka mu kwezi Myandagaro 2017,bari bamenyesheje ko ubushikiranganji bujejwe ivy’igitoro buzobandanya bukora ibishoboka kugira ico gisata kibandanye neza ku neza y’abantu bose.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.