IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Gitega: Umuyoboke wa Agathon RWASA yahagaritswe

Gitega: Umuyoboke wa Agathon RWASA yahagaritswe

mercredi 14 Ruheshi 2017

Amakuru ava mu begereye aho akorera umwuga wo kumwa abantu muri quartier ya Magarama iri ku murwa mukuru w’intara ya Gitega, amenyesha ko Alain NDUWAYEZU yahagaritswe ata mutahe wo kumuhagaraika yeretswe.

Mu burongozi bw’umugambwe FNL uyoboka Agathon RWASA baremeza amakuru y’ihagarikwa rya Alain NDUWAYEZU, ariko bakamenyesha ko gushika mu gatondo ko kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 14 Ruheshi 2017 batari bwamenye icatumye ahagarikwa.

Mu burongozi bw’umugambwe FNL uyoboka umushingamateka Agathon RWASA bavuga kandi ko hoba hari urutonde rw’abanywanyi bayoboka uwo mushingamateka bategerezwa guhagarikwa.

Alain NDUWAYEZU ahagaritswe inyuma y’iminsi mike gusa, hari abandi banywanyi babiri bahagaritswe harimwo uwo bakorana mu nzu yo kumweramwo abantu muri quartier Magarama, mu gisagara ca Gitega. Bose bakaba boba bagirizwa ko bari mu murwi uhungabanya umutekano mu ntara ya Gitega.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.