IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Gitega : Umwigisha yahagaritswe yagirizwa urupfu rw’umuvyeyi w’umurwizatunga

Gitega : Umwigisha yahagaritswe yagirizwa urupfu rw’umuvyeyi w’umurwizatunga

mardi 13 mars 2018

Amakuru ava mu ntara ya Gitega, amenyesha ko Gerard BIGIRIMANA yahagaritswe, igihe yari imbere y’ahakorera ubuyobozi bw’indero mu ntara ya Gitega, aca ajanwa muri parike ya Gitega, aho ayamze akanya yumvirizwa.

Ayo makuru nyene amenyesha ko uwo mwigisha Gerard BIGIRIMANA yahavuye yinjizwa ibohero rikuru rya Gitega, aho asanze abandi barenga 10 bagirizwa urupfu rw’uwo mutama Jacques BUKOBERO.

Jacques BUKOBERO, umuvyeyi w’umurwizatunga Venerand KAZOHERA yishwe atewe gerenade, mw’ijoro ryo kuwa gatatu igenekerezo rya 22 Ntwarante 2017, ku mutumba Gasenyi wa Komine Nyarusange, intara ya Gitega.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.