Gitega:Urubanza rw’abagirizwa urupfu rw’umuvyeyi w’umurwizatunga rwungururijwe ku rindi sango

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 8 juin 2017 saa 03:43
Yasomwe : 3609
0 0

Mu gihe vyari bitegekanijwe ko abantu indwi bagirizwa urupfu rw’umutama azwi kw’izina rya Jacques BUKOBERO barenguka imbere ya sentare, urwo rubanza ntirwumvirijwe.

Amakuru ava mu ntra ya Gitega yemejwe kandi na bamwe mu bapfungiwe mw’ibohero rikuru mu ntara ya Gitega,amenyesha ko urwoi rubanza rutumvirijwe kubera abacamanza bari gusasa batari bitavye bose.

Inyuma y’akanya gato bamaze ahari kubera urubanza, ababurana baciye bamenyeshwa ko urubanza rwabo rwungururijwe kuwa kane igenekerezo rya 15 Ruheshi 2017.

Uko ari indwi bagirizwa ko aribo bishe umutama azwi kw’izina rya Jacques BUKOBERO yishwe atewe grenade kw’igenekerezo rya 22 Ntwarante 2017,ku miutumba wa Gasenyi wo muri komine Nyarusange,intara ya Gitega.


Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha