Gitega : Urubanza rw’abagirizwa ubusuma muri COOPEC rwungururijwe ku rindi sango

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 10 janvier 2018 saa 09:15
5835
0 0

Abantu 10 bagirizwa ubusuma mw’isandugu ryo kuziganya no kuguranana COOPEC mu ntara ya Gitega, bararengutse muri sentare nkuru y’intara ya Gitega kur’uyu wa kbiri igenekerezo rya 9 Nzero 2017. Bagirizwa ubusuma bwabaye muri COOPEC mu kwezi kwa mbere umwaka wa 2017.

Uko ari icumi bose, bagizwe n’abaporisi hamwe n’abanyezamu bagirizwa kwiba imiriyoni 66 z’amafaranga y’amarundi.

Inyuma yo kwumviriza impande zose, sentare nkuru y’intara ya Gitega yungururije urubanza kw’igenekerezo rya 17 Nzero 2018.

Umunyamategeko yaserukiye COOPEC yasavye sentare guhabwa ikiringo kugira asome ibiri muri dosiye y’urubanza.

Ababuranira abo bagirizwa ubusuma bamenyesheje ko batashimye uko urubanza rwagenze, kuko bituma abo baburanira babandanya gupfungwa.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha