Gitega : Uwahoze arongoye APRODH yagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 22 Munyonyo 2017 saa 08:55
Yasomwe : 5859
0 0

Nestor NIBITANGA yahora arongoye ishirahamwe ry’ishinze gukingira agateka ka zina muntu n’ak’abapfunzwe APRODH mu ntara ya Gitega yahagaritswe n’igiporisi mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri yagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu, nk’uko vyemezwa na Petero NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi.

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko Nestor NIBITANGA yafatanwe impapuro ziriko ivyemeza vy’uguhungabanya umutekano.

Imbere y’uko atabwa muri yompi, abaporisi basatse ku rugo rwa Nestor NIYIBITANGA ruri muri Quartier Musinzira, muri komine n’intara ya Gitega, ariko nta kirwanisho bahatoye, atari izo mpapuro ziriko ivyo yagirizwa.

Nestor NIBITANGA apfungiwe mu gasho k’igendereza mu ntara ya Gitega.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha