IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Gitega : Uwishe uwuvukana n’umukoresha wiwe yaciriwe urubanza

Gitega : Uwishe uwuvukana n’umukoresha wiwe yaciriwe urubanza

mercredi 4 Nzero 2017

Leonard DUKUZE yagirizwa kwica umukobwa avukana n’umukoresha wiwe mw’ijoro rya Noel yaciriwe gupfungwa imyaka 30 n’ihadabu y’imiriyoni 4 z’amafaranga y’Uburundi na Sentare nkuru isubiramwo imanza.

Uwo mwigeme yishwe yari azwi kw’izina rya Nyandwi Berthe, bivugwa ko yishwe akerewe umutwe inyuma yo gufatwa ku nguvu.

Leonard Dukuze yabihakanye aho yavuze ko yamwishe bahejeje guharira ku bijanye n’ingene Nyandwi Berthe yomuriha ideni yari amufitiye ry’amafaranga ibihumbi ijana na mirongo ibiri vy’amarundi.

Mu gihe bari bazi ko urwo rubanza rwari kwihuta gucibwa, abacamanza bamenyesheje ko rwatevye kuko yategerezwa kuburana afise umushingwamanza bafatiye ku buremere bw’icaha.

Leonard DUKUZE yakorera akazi ko mu nzu muri quartier Shatanya iri mu gisagara ca Gitega.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.