Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Gurira Terefone ngendanwa muri Tecno Mobile wironkere amahirwe (...)
Gurira Terefone ngendanwa muri Tecno Mobile wironkere amahirwe y’uguhiganirwa ibihumbi 3 vy’amadorare
mercredi 10 Rusama 2017, par
Ange Bernice INGABIRE, « Miss Burundi 2017 », hamwe na Monna Walda KANEZA icegera ciwe « Première dauphine » batowe kugira bafashe mu kumenyekanisha ibijanye n’iryo higanwa. Barasigura ingene bikorwa : « Uwuguze iyo Terefone asabwa nawe gutumirira abandi kuyigura kw’izina ryiwe.
- Ange Bernice INGABIRE, « Miss Burundi 2017 », hamwe na Monna Walda KANEZA icegera ciwe « Première dauphine » batowe kugira bafashe mu kumenyekanisha ibijanye n’iryo higanwa
Inyuma y’iryo higanwa, uwatsinze ahabwa na Tecno Mobile agashimwe kangana n’amafaranga y’amadorare ibihumbi bitatu amufasha mu myiteguro y’ubugeni bwiwe canke bw’uwundi, butegerezwa kuba imbere y’uko umwaka w’2017 uhera.
Monna Walda KANEZA, icegera ca Miss Burundi 2017 arasigura ubwiza bw’iyo terefone : « Ni Terefone igezweho, ifata amasanamu meza cane kubera ubushobozi ifise, ku buryo no mw’ijoro ifotora neza. »

Mwokwibaza muti, mbega iryo higanwa ryugururiwe abariko bitegurira kwubaka urwabo gusa? Habe namba. ; Ni ihiganwa ryugururiwe abantu bose, abashaka kwubaka urwabo n’abataragera. Mushobora guhiganwa mu bandi, ariko ubwo bugeni bw’akataraboneka bugakorerwa abagenzi banyu, abo mukorana, incuti, umuryango, n’abandi.
Muri iryo higanwa, ibisabwa biroroshe cane : gura Terefone ngendanwa "Camon Cx" muri imwe mu nzu z’ubudandaji ziri mu kibanza citiriwe ukwikukira (CROSS RIVER INTERNATIONAL PHONES), utange n’imyidondoro yawe kugira bakwandike mu bahiganwa.
Miss Ange Bernice hamwe na Monna Walda (1ere dauphine) bibutsa ko igitigiri ntajwamunsi c’abaguzi banditswe ku wuriko arahiganwa ari gatandatu, uwukeneye gutsindira ako gashimwe agasabwa kubandanya ahamagarira abandi bagenzi biwe kugura iyo Terefone ngendanwa kw’izina ryiwe, kugira arwize amahirwe.
Twobamenyesha ko ako kaganuke k’ihiganwa ryateguwe na Tecno Mobile kazomara amezi atatu gusa, ni ukuvuga kuva kw’igenekerezo rya 8 Rusama gushika kurya 31 Mukakaro 2017.




Messages
10 Rusama 2017, 18:43, par Devide
Nkeneye Tec no Mombare Nangahe
28 Myandagaro 2017, 21:39, par simon bizimana
icona shaka kubaba mwoturosa téléphone ikoreshwa satellite ?