IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > HRW isaba Reta y’Uburundi kumenyesha aho abarundi bakuwe muri Kongo (...)

HRW isaba Reta y’Uburundi kumenyesha aho abarundi bakuwe muri Kongo bapfungiwe

mardi 7 Ruhuhuma 2017

Ishirahamwe ryishinze gukingira agateka ka zina muntu Human Right Watch rimenyesha ko ritewe impungenge n’ingene abarundi 124 bashikirijwe Reta y’Uburundi bavuye mu mabohero yo mu gihugu ca Repubika iharanira intwaro rusangi ya Kongo bamerewe ubu.

Ida Sawyer umuyobozi w’ishirahamwe Human Right Watch mu karere ka Afrika yo hagati,amenyesha ko abakozi b’ibiro vy’igendereza mu Burundi bahohotera abapfunzwe,na cane cane iyo abo bapfunzwe bari mu batavuga rumwe n’ubutegetsi.

Kubwa Ida Sawyer,birateye impungenge n’amakenga ,kuba Reta itaramenyesha amabohero abo barundi bakuwe mu gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo bapfungiwe.

Umukuru w’ishirahamwe Human Right Watch mu karere ka Afrika yo hagati Ida Sawyer avuga ko bihweje ingene abapfunzwe kubera idosiye y’igitero cabaye kw’ikambi y’abasirikare mu ntara ya Muyinga,abategetsi b’Uburundi bategerezwa kuba barerekanye neza ingene umutekano w’abapfungwa bavuye mu gihugu ca Kongo uzocungerwa.

Abo barundi bahora bapfungiwe mu mabohero ari mu buseruko bw’igihugu ca Republika iharanira intwaro Rusangi ya Kongo, i Bukavu n’i Buvira, bashikirijwe ubutegetsi bw’Uburundi kw’igenekerezo rya 31 Nzero,umwaka wa 2017.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.