IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Ibihugu bigize COMESA bisabwa gushira inguvu hamwe mu guteza imbere (...)

Ibihugu bigize COMESA bisabwa gushira inguvu hamwe mu guteza imbere urudandazwa

mercredi 29 novembre 2017

Mw’ijambo yashikirije yugurura inama igira 38 ihuza abakuru b’amabanki makuru y’ibihugu bigize ishirahamwe COMESA, Jean CIZA arongoye Ibanki Nkuru ya Republika y’Uburundi yamenyesheje ko kugira iyinjira mw’ishirahamwe rya COMESA rigirire inyungu ibihugu vyose birigize, ivyo bihugu bikwiye gushira inguvu hamwe kandi bigateza imbere urudandazwa hagati y’ibihugu bigize COMESA.

Jean CIZA arongoye Ibanki nkuru y’Igihugu yavuze ko nk’ibanki Nkuru y’Igihugu bama bahimiriza amabanki makuru y’ibihugu vyose biri mw’ishirahamwe COMESA n’ubunyamabanga bwa COMESA gukora ibikorwa vyinshi mu gukomeza urudandazwa ruba hagati y’ibihugu bigize COMESA.

Ku ruhande rwiwe,Venuste NDIKUMWENAYO umuyobozi ajejwe ubuhinga n’ubushakashatsi mw’Ibanki Nkuru y’igihugu yavuze ko mu gihe ibijanye n’itunganywa ry’urudandaza mu karere ka COMESA vyokorwa neza Uburundi n’abarundi bazohungukira ibitari bike.

JPEG - 168.5 ko
Venuste NDIKUMWENAYO, umuyobozi ajejwe ubuhinga n’ubushakashatsi muri BRB

Yavuze ati :’’ Bizofasha abarundi kuko iyo hakuweho imbibe hagati y’ibihugu bigize COMESA bituma umuntu yisanzura. Bizofasha kandi umurundi kudandaza no gushorera ibidandazwa mu bihugu bigize ishirahamwe COMESA.’’

Venuste NDIKUMWENAYO yamenyesheje kandi ko umurundi azokworoherwa mu kuronderera umwimbu mu bihugu vya COMESA, mu kubishingamwo imitahe , kandi bikamufasha no kuronka ibidandazwa ku giciro gito.

Naho hari ibitari bike biriko birakorwa, Venuste NDIKUMWENAYO yavuze ko urugero rw’urudandazwa mu Burundi mu karere ka COMESA rukiri ruto kuko rutaduga cane bivanye n’uko ata buryo bukwiye bwo gutanga ingurane buhari, n’ivyo abarundi bashora bikaba bikiri bike.

Mwomenya ko iyo nama yatunganijwe, mu ntumbero yo kwihweza aho ishirwa mu ngiro ry’ingingo zafashwe n’abakuru b’amabanki y’ibihugu vya COMESAmu kwezi kwa gatatu 2017 rigeze, hamwe kandi no kurimbura ivyakozwe n’ikigo gikora ubushakashatsi ku bijanye n’amafaranga muri COMESA mu mwaka wa 2017, no kwiga ibizokorwa mu mwaka wa 2018.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.