IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > "Ibishoka ku masoko yo hanze y’igihugu ntibirashika ku rugero twipfuza" - (...)

"Ibishoka ku masoko yo hanze y’igihugu ntibirashika ku rugero twipfuza" - API

mardi 5 Nyakanga 2017

Mu gihe yariko yugurura uruganda rwo gukarihiriza ubwenge ku bijanye n’ibisabwa abadandaza batwara ibidandazwa kw’isoko mpuzamakungu, rwatunganijwe kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 5 Nyakanga 2017, umuyobozi w’ikigo API Didace NGENDAKUMANA yamenyesheje ko urwo ruganda rwatunganijwe mu ntumbero yo kwongereza ubumenyi abanyamitahe bajana ibidandazwa ku masoko mpuzamakungu, n’abatarabishikako ariko biboneka ko muri kazoza bazobishorera hanze.

Didace NGENDAKUMANA arongoye ikigo kijejwe kworohereza abanyamitahe yavuze ko mu gihe mu minsi iheze ikawa n’icayi arivyo bidandazwa vyashorwa hanze y’igihugu, ubu bimaze kugaragara ko hari ibindi bidandazwa bihingurirwa mu Burundi vyojanwa ku masoko mpuzamakungu.

JPEG - 76.2 ko
Didace NGENDAKUMANA ,Umuyobozi w’ikigo API

Umuyobozi w’ikigo API avuga ariko ko naho hari ibidandazwa bishorwa ku masoko mpuzamakungu, hakiri kandi agahaze, na cane cane ku rugero urwo rudandazwa rugezeko.

Avuga ati : ’’Ibishoka ku masoko mpuzamakungu ntibiragera ku rugero twipfuza, biracari bike, arico gituma dutunganya inyigisho nkarishabwenge, kugira umwe wese mu bimwerekeye aterere kugira ibishoka hanze bishike ku rugero rushimishije.’’

Ku gituma ibidandazwa bikiri bike bishoka ku masoko mpuzamakungu, Didace NGENDAKUMANA arasigura imvo.

Avuga ati :’’Gushika ku masoko mpuzamakungu ushoye ibidandazwa ntibishoboka, mu gihe ibidandazwa bishorwa bidakurikije amategeko.’’

Umuyobozi w’ikigo API yamenyesheje ko yizeye ko intambamyi ziboneka mu gisata c’ibidandazwa bishorwa hanze nk’ibijanye n’ibura ry’umuyagankuba n’amafaranga y’agaciro bigiye gutorerwa umuti biciye mu kurwiza ibikorwa n’umwimbu.

JPEG - 61.2 ko
Abitavye uruganda rwatunganijwe n’ikigo API

Mwomenya ko urwo ruganda rwari rwitabwe n’abaserukira amahinguriro atandukanye akorera mu Burundi, harimwo kandi n’abaserukira amashirahamwe.

JPEG - 53 ko
Abitavye uruganda rwatunganijwe n’ikigo API

MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.