Ibohero rikuru rya Mpimba riramutswa umuyobozi mushasha

Yanditswe na Callixte Carpe NDIKUMANA
Kuya 23 mars 2018 saa 10:37
9090
1 0

OPC1 NZITABAKUNZE Arthemon niwe yagenywe n’itegeko ry’umushikiranganji w’ubutungane Aimee Laurentine KANYANA, ngo arongore ibohero rikuru rya Mpimba,I Bujumbura.

Muri iryo tegeko nshikiranganji, umushikiranganji w’ubutungane Aimee Laurentine KANYANA, amenyesha ko yamugenye yisunze ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi n’ayandi mategeko yose amuha uburenganzira.

OPC1 NZITABAKUNZE Arthemon asubiriye Deo BIGIRIMANA yahora arongoye iryo bohero.

OPC1 NZITABAKUNZE akaba yarigeze kurongora igiporisi kijejwe umutekano mu mabarabara PSR.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha