Icegera c’umukuru wa PAFE apfungiwe mw’ibohero rya Mpimba

Yanditswe na IGIHE
Kuya 19 mars 2017 saa 09:04
Yasomwe : 34956
0 0

Icegera c’umukuru w’igipolisi kijejwe kugenzura imbibe n’ikirere PAFE ari mw’ibohero rikuru rya Mpimba, yagirizwa kuba yatanze impusha zo kwinjira mu gihugu ku banyasiriya babiri bakora inoti za magendu.
Amakuru ava mu begereye igipolisi kijejwe imbibe n’ikirere amenyesha ko imbere yo gutanga uburenganzira bwo kwinjira mu gihugu ,hari umurwi ubijejwe ukorana ukavyiga, ariko Canesius Niyongabo we yabikoze atabicishije muri uwo murwi.
Amakuru ava mu kigo PAFE amenyesha ko abao banyasiriya (...)

Icegera c’umukuru w’igipolisi kijejwe kugenzura imbibe n’ikirere PAFE ari mw’ibohero rikuru rya Mpimba, yagirizwa kuba yatanze impusha zo kwinjira mu gihugu ku banyasiriya babiri bakora inoti za magendu.

Amakuru ava mu begereye igipolisi kijejwe imbibe n’ikirere amenyesha ko imbere yo gutanga uburenganzira bwo kwinjira mu gihugu ,hari umurwi ubijejwe ukorana ukavyiga, ariko Canesius Niyongabo we yabikoze atabicishije muri uwo murwi.

Amakuru ava mu kigo PAFE amenyesha ko abao banyasiriya babbiri bafashwe ku mugaragaro bariko bakora inoti za magendu z’amafaranga y’abanyaburaya, ivyatumye afatwa agapfungwa ari kumwe n’umwe muri abo.

Ubu Canesius Niyongabo apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba, inyuma yo kumara iminsi apfungiwe mu biro vy’igendereza.


Kumenyekanisha

1
Kevin 30-03-2017 à 13:52

Iyaba Uwukoze Icaha Wes Ahanwa, Vyobaye Vyiza Gusumba !

2
Richard 19-03-2017 à 20:09

Kubita izo ntumva !

3
Ezechiel Sabushimike Ariko Ubu Ndi Mugihugu Ca Tanza Niya 19-03-2017 à 19:01

Ni Ahanwe Kuko Abo Nibo Bobacafuza Uburundi . Nimumuhane Mukurikije Amategeko Kuko Atahanwe N’abandi Boca Baza Bara Bikora Ngonawawundi, Ntaco Bamugize.

4
anicet 19-03-2017 à 18:03

Nimubafunge ivyobisuma

5
SUGURU 19-03-2017 à 17:29

RETA NIBIRABE ARIKO NTAMWANYA AZOMARAYO !

6
Saïdi Anicet 19-03-2017 à 13:56

Amategeko Nakore.Ukuri Kuje Ahabona.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha