Icegera ca mbere c’umukuru w’Inama Nshingamateka yiyandikishije ngo azokwitabe amatora

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 14 février 2018 saa 04:14
32250
0 0

Icegera ca mbere c’umukuru w’Inama Nshingamateka Agathon RWASA ari kumwe n’umutambukanyi wiwe,yitavye ihikorwa co kwiyandikisha ngo azokwitabe amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa shingiro, hamwe n’amatora ya 2020.

Igikorwa co kwiyandikisha, icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka yagikoreye kw’ishure ritoya rya Ciri, riri ku mutumba Ciri ari naho asanzwe avuka, Zone Kiremba,komine Kiremba, intara ya Ngozi.

Kwandika abazokwitaba amatora atunganijwe mu gihugu kuva mu kwezi kwa gatanu uwu mwaka vyatanguye kw’igenekerezo rya 8 Ruhuhuma 2018, bikazohera kw’igenekerezo rya 17 Ruhuhuma 2018.

Umurwi CENI ukamenyesha ko amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro azoba mu kwezi kwa gatanu 2018.


Kumenyekanisha

1
HATUNGIMANA ILdepfonse 16-02-2018 à 20:47

Nivyiza Kwiyandikisha

2
Nyandwi.jean 16-02-2018 à 19:58

Kazimamwisanduguyitorantawetuzojana ?Arikobazohavabadutozkungufu ?Kukontamunyagihuguagifiseubwigenge ?Seniseni.eheeeeeee ?

3
Niyongabo Chaban 16-02-2018 à 03:45

Tubanje Kubashimir Ko Biyandikishije Babere Akarorer Abandi Kuko Nuwagize Intege Nke Aca Yihutira Kugenda.

4
Harimenshi Felix 15-02-2018 à 16:19

Nabandi Nibanyaruke Biyandikishe Umwanya Urabajanye.

5
HARIMENSHI Felix 15-02-2018 à 14:12

OK. Nabandi bose nibanyaruke biyandikishe umwanya uragiye.

6
Jojo 15-02-2018 à 13:16

Komera muzehe ntusubir guhendwa nko muri 2010 naw waratahuy ko ntayindi nzira ishoboka kirets amatora

7
Elvis Ndikuman 14-02-2018 à 20:52

Nivyiza Kuba Naweyiyandikishije Nabere Akarorero Abandi

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha