Igiporisi kiremeza ifatwa ry’umurwizatunga Gédéon GIHAGA

Yanditswe na IGIHE
Kuya 30 septembre 2016 saa 09:54
Yasomwe : 42291
0 0

Umurwizatunga Gédéon GIHAGA apfungiwe mu gasho k’igendereza i Bujumbura kuva ku muhingamo wo kuri uwu wa gatatu. Yagirizwa ivyaha bibiri.
Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, OP1 Pierre NKURIKIYE aremeza iryo fatwa hamwe n’ipfungwa rya Gédéon GIHAGA, akamenyesha ko uwo murwizatunga yagirizwa ugutanga igiturire hamwe n’ukugerageza kwica umuntu (Corruption et tentative d’assassinat).
Mu muryango w’umurwizatunga Gédéon GIHAGA basaba ko bohabwa uburenganzira bw’ukubonana hamwe n’ukugemurira uwo mutama (...)

Umurwizatunga Gédéon GIHAGA apfungiwe mu gasho k’igendereza i Bujumbura kuva ku muhingamo wo kuri uwu wa gatatu. Yagirizwa ivyaha bibiri.

Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, OP1 Pierre NKURIKIYE aremeza iryo fatwa hamwe n’ipfungwa rya Gédéon GIHAGA, akamenyesha ko uwo murwizatunga yagirizwa ugutanga igiturire hamwe n’ukugerageza kwica umuntu (Corruption et tentative d’assassinat).

JPEG - 4.2 ko
Umurwizatunga Gédéon GIHAGA

Mu muryango w’umurwizatunga Gédéon GIHAGA basaba ko bohabwa uburenganzira bw’ukubonana hamwe n’ukugemurira uwo mutama w’imyaka 74, bagasaba ko umutekano wiwe wokingirwa.


Kumenyekanisha

1
###### 5-10-2016 à 20:37

Arimumakosa Akwiye Guhanwa.
Ariko Bamuhane Bakurikij Amategeko.
Igiturire Numwasi Witerambere Benabo Bakwiy Guhanwa Vyakarorero.

2
GITEGA 5-10-2016 à 19:20

ARI MUMAKOSA NIBAMUHANE BIKWIYE CANEGOSE MUGABO BARABE NTIBAMURENGENYE OK

3
Christian 1er-10-2016 à 22:34

Yarabimyamahera Kibamenye Hakirikare Nibemere Banyagwe Ntwibanire Ayobivye Nimenchi Ntibarayamara Ariko Buca Abaherana

4
morodikayi. 1er-10-2016 à 07:04

Aba DD ukobakora kurazwi, ntamuntu yi fitiye agahera yobabanaho amahoro !batagerezwa gukora irementanya ukobishoboka,kugira baronke inzira yokumurirako utwiwe babanje kumuta mugasho. ukobakora kera bakiri mwishamba muravyibagiye ? bazirana numuntu yi twa kwatunze agahera canke inka, baramwimba niyoyihavye ivyo bamuremeka ntivyabura. nuwo mutama icobamuronderako kiriho, barondera amahera ,nubuzima bwiwe.

5
alia 30-09-2016 à 23:20

ubundi iyu muntu amenyekanye abesha munyuma naho yovuga ukuri ntikwemerwa ivyo rero bishobora kuba aribyo nkurikiye yamu rementanirije kuko tura bimenyereye

6
Musaga 30-09-2016 à 11:44

Hhaahh irementanya.com, ngo corruption ?u Burundi nico gihugu cambere kiri corrompu hama ngo ngw’iki ?aho ntiyoba yarajabutse mu Rwanda akaba arico azira ?

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha