IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Ihinguriro BRARUDI ryadugije igiciro c’inzoga Primus 72cl

Ihinguriro BRARUDI ryadugije igiciro c’inzoga Primus 72cl

jeudi 1er février 2018

Nk’uko biri mw’itangazo ry’ihinguriro BRARUDI , bisunze ko ibikoresho vya nkenerwa vyaduze ibiciro kw’isoko,iduzwa ry’ibiciro vy’ibitoro n’umuyagankuba, arivyo vyatumye bongera amafaranga ijana y’amarundi ku giciro c’inzoga ya Primus cari kihasanzwe.

Iryo tangazo rimenyesha ariko ko, ku zindi nzoga zihingurwa n’ihinguriro BRARUDI batadugije ibiciro.

Muri iryo tangazo ryateweko umukono n’umuyobozi ajejwe ubudandaji,ihinguriro BRARUDI rimenyesha ko iyo ngingo izofasha kwongereza ico kinyobwa mu bubiko, no kworosha itangwa ryaco ku bagifata.

Iyo ngingo itangura kuja mu ngiro kur’uyu wa kane, igenekerezo rya 1 Ruhuhuma 2018.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.