Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Ihinguriro BRARUDI ryadugije ibiciro vy’ibinyobwa
Ihinguriro BRARUDI ryadugije ibiciro vy’ibinyobwa
mardi 3 Nzero 2017
Ihinguriro rihingura rikadandaza ibinyobwa BRARUDI ryadugije ibiciro vy’ibinyobwa rihingura.
Nkuko biri mw’itangazo ry’ihinguriro BRARUDI ryasohotse kw’igenekerezo rya 1 Nzero 2017, ikinyobwa ca Primus iri mw’icupa rinini cavuye ku mafaranga 1300 y’amarundi kija ku mafaranga 1400 y’amarundi, mu gihe Primus iri mw’icupa rito itahinduye igiciro.
Ikinyobwa ca Amstel iri mw’icupa rinini cavuye ku mafaranga 1700 y’amarundi kija ku mafaranga 1800 y’amarundi, mu gihe Amstel ntoya yavuye ku mafaranga 1300 y’amarundi ija ku mafaranga 1400 y’amarundi.

Amstel Bock yavuye ku mafaranga 1100 y’amarundi mu gihe Amstel nshasha yo mu bwoko bwa Royal yavuye ku mafaranga 1800 ija ku mafaranga 2000 vy’amarundi.
Ku kinyobwa ca Nyongera gikozwe mu biterwa birimwa mu Burundi, igiciro caduze kiva ku mafaranga 900 kija ku mafaranga 1200 y’amarundi.
Igishasha kiri muri iryo duzwa ry’ibiciro , nuko haba mu gisagara ca Bujumbura cane mu gihugu hagati, ibiciro vy’ibinyobwa ari bimwe.
IGIHE
Messages
4 Nzero 2017, 23:07, par AHIMBONEYE
ABANTU BAKWIYE GUKIZWA.