Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Ihinguriro BRARUDI rigiye gutangura kudandaza ubundi bwoko bwa (...)
Ihinguriro BRARUDI rigiye gutangura kudandaza ubundi bwoko bwa Primus
mercredi 28 Ruheshi 2017
Iyo nzoga ikozwe mu bisanzwe bikorwamwo inzoga ya PRIMUS ariko bakongeramwo indimu,bituma igira akamoto k’indimu.
David RUVARI ajejwe ikinyobwa Primus mw’ihinguriro BRARUDI,yabwiye abamenyeshamakuru ko,mu cigwa cakozwe basanze hari abanwa ikinyobwa Primus bakagishiramwo ifanta ya Citron kugira bagerageze kworosha ubukazi bwa PRIMUS, ko rero ari muri iyo ntumbero ihinguriro BRARUDI ryahisemwo gukora PRIMUS yikwije isanzwe irimwo indimu.
David RUVARI yavuze kandi ko, mu gihe Primus yari ihasanzwe ifise ubukari bw’umwambiro bungana na 4,5 kw’ijana(4,5%),Primus Citron yoyo ifise ubukari bw’umwambiro kuri 4 kw’ijana (4%).
Inzoga primus citron izogurishwa amafaranga 1000 y’amarundi, iri mw’icupa rya Primus ritoya (Akabajou),bigatandukanira ku gicapo kiri inyuma kw’icupa,kuko kw’icupa rya Primus citron hariko ibicapu bisa n’urwatsi rutoto.
Inzoga primus citron izotangura kudandazwa mu minsi ya vuba, kandi izodandazwa mu gihugu cose.

IGIHE
Messages
29 Ruheshi 2017, 09:14, par yahoni
Ka karirimbo kati, "Abanywi b’inzoga baragowe!"
29 Ruheshi 2017, 10:14, par anaclet Ruberintwari
uyo ajejwe ikinyobwa Primus yarihenze canke ni uwanditse yihenze. nta bière nimwe ishobora kugira ubwo bukare. nibaza ko yashatse kuvuga 4,5 na 4%. murakoze
30 Ruheshi 2017, 21:34, par Ntakiyiruta Berchmans
None Yoba Ariyo Mpamvu Primus Ino Mukumoso Isigaye Idandazwa Kugiciro Gitey’ubwoba(15oo - 1700)/icupa?
20 Mukakaro 2017, 16:39, par Nimugi
murabanza Muduhonje Dusuzume Ko Ata Ngaruka Zizotera.