Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ihinguriro BRARUDI rigiye gutangura kudandaza ubundi bwoko bwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Ihinguriro BRARUDI rigiye gutangura kudandaza ubundi bwoko bwa (...)

Ihinguriro BRARUDI rigiye gutangura kudandaza ubundi bwoko bwa Primus

mercredi 28 Ruheshi 2017

Iyo nzoga ikozwe mu bisanzwe bikorwamwo inzoga ya PRIMUS ariko bakongeramwo indimu,bituma igira akamoto k’indimu.

David RUVARI ajejwe ikinyobwa Primus mw’ihinguriro BRARUDI,yabwiye abamenyeshamakuru ko,mu cigwa cakozwe basanze hari abanwa ikinyobwa Primus bakagishiramwo ifanta ya Citron kugira bagerageze kworosha ubukazi bwa PRIMUS, ko rero ari muri iyo ntumbero ihinguriro BRARUDI ryahisemwo gukora PRIMUS yikwije isanzwe irimwo indimu.

David RUVARI yavuze kandi ko, mu gihe Primus yari ihasanzwe ifise ubukari bw’umwambiro bungana na 4,5 kw’ijana(4,5%),Primus Citron yoyo ifise ubukari bw’umwambiro kuri 4 kw’ijana (4%).

Inzoga primus citron izogurishwa amafaranga 1000 y’amarundi, iri mw’icupa rya Primus ritoya (Akabajou),bigatandukanira ku gicapo kiri inyuma kw’icupa,kuko kw’icupa rya Primus citron hariko ibicapu bisa n’urwatsi rutoto.

Inzoga primus citron izotangura kudandazwa mu minsi ya vuba, kandi izodandazwa mu gihugu cose.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.