Ihuriro Justice For Burundi ryiyemeje gukorana na CPI mu matohoza

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 10 novembre 2017 saa 11:32
Yasomwe : 13032
0 0

Ihuriro ry’abashingwamanza baburanira imiryango y’abakozweko n’indyane zabaye mu Burundi kuva mu kwezi kwa Ndamukiza 2015 rimenyesha ko rishima ingingo ya sentare mpanavayaha mpuzamakungu yo gutanguza amatohoza mu Burundi, kandi ko ryiteguye gukorana na sentare mpanavyaha mpuzamakungu mu matohoza.

Mw’itangazo basohoye kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 9 Munyonyo 2017, abo bashingwamanza bahurikiye mw’ihuriro Justice For Burundi bamenyesha ko ingingo ya sentare mpanavyaha mpuzamakungu yerekana ko ubutungane bwigenga bushoboka mu Burundi.

Muri iryo tangazo ,abo bashingwamanza bavuga ko abo baburanira bafise icizere ku gikorwa ca sentare mpanavyaha mpuzamakungu CPI.

Abo bashingwamanza bamenyesha ko kuba iyo ngingo yagiye ahabona inyuma gato y’uko iterwako umukono, vyavuye ku cipfuzo c’abarongozi ba sentare mpanavyaha mpuzamakungu CPI co gukingira ivyabona n’imiryango y’abakorewe amabi.

Ihuriro Justice For Burundi rikamenyesha ko rizokora ibishoboka vyose kugira abagirizwa amabi bahagarikwe kandi bashikanwe imbere ya sentare mpanavyaha mpuzamakungu.


Kumenyekanisha

1
Caratuvunye 10-11-2017 à 15:01

Turabashigikiye,CPI komera,CPI oyeeeeee

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha