Inama Nkenguzamateka yemeje integuro y’itegeko rigenga amabohero

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 11 novembre 2017 saa 12:57
Yasomwe : 5463
0 0

Inama nkenguzamateka yarize yongera iremeza integuro isubiramwo itegeko rigenga amabohero,kur’uno wa gatanu igenekerezo rya 10 munyunyo 2017. Umushikiranganji w’ubutungane Aimeé Laurentine KANYANA yavuze ko rizofasha kugira ubuzima bw’abanyororo bushobore kwisununura no gutegura abafungwa kugira iyo bafunguwe bagire akamaro mu kibano.

Umushikiranganji w’ubutungane yari gusigurira abakenguzamateka ibijanye n’impinyanyuro ry’iryo tegeko rigenga amabohero , Aimeé Laurentine KANYANA yamenyesheje ko iyo nteguro yashizweho kugira bashobore gushira mu ngiro amategeko mpuzamakungu Uburundi bwateyeko umukono kugira kize k’urugero rw’ibindi bihugu ku bijanye n’amabohero.

Aimeé Laurentine Kanyana yashikirije kandi ko iryo tegeko rizofasha kugira abanyororo bashobore gushikira abacamanza hakiri kare hamwe no gufasha kugira ibikorwa birangurwa n’abakorera mu mabohero ntibize bigire ingaruka zotuma abanyororo bashobora gutoroka aho bafungiwe.

Umukuru w’inama nkenguzamateka Reverien NDIKURIYO yashikirije amakenga igituma hibonekeza ubwinshi bw’abafungwa mu mabohero nimba vyoba bitava ku bukene bw’amabohero atari mu ntara zimwe zimwe.

Aimeé Laurentine KANYANA yishuye ko ata bafungwa benshi bariho ugereranije n’igitigiri c’abarundi kuko ubu hari abafungwa bababa ibihumbi 9500.

Uyo mushikiranganji w’ubutungane yavuze kandi ko kubona abakora ivyaha baguma biyongera kandi amabohero ariho menshi ari ayubatswe ku ntwaro y’igikoroni bituma hibonekeza ko abafungwa ari benshi ariko yavuze ko umugambi wo kugwiza amabohero hamwe n’amasentare usanzwe uriho.

Iyo nteguro y’itegeko isubiramwo itegeko rigenga amabohero ryemejwe ijana kw’ijana n’abakenguzamateka 33 bitavye hamwe n’abakenguzamateka 5 bari batumye.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha