IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Intwaro ibereye > Inama nkenguzamateka yuguruye ibikorwa vy’isasa vy’ukwezi kwa (...)

Inama nkenguzamateka yuguruye ibikorwa vy’isasa vy’ukwezi kwa myandagaro

Wednesday 1 August 2018, by vianney

Reverien NDIKURIYO yavuze ko iruhande yo kwiga integuro z’amabwirizwa bazobandanya ibikorwa bijanye n’amanama batanguje mu ma komine y’igihugu,kubandanya igikorwa co guhanura abigeme bari mu mashure kugira birinde inda z’indaro,guhimiriza abanyagihugu kugira imiriro ya Nyakanga ituzwe hamwe no kuzobandanya bakomeza ubucuti n’izindi nama nkenguzametaka.

Uyo mukuru w’inama nkenguzamateka yavuze kandi ko mu buruhuko bahoramwo bakoze ibikorwa bitari bike nk’ibijanye no gushigikira indero mu mashure,ibikorwa vyo kubaka amashure bongera barifadikanya n’urwaruka ruri mu buruhuko mu bikorwa vyo guteza imbere igihugu.

Murivyo birori vyo kugurura ibikorwa vy’isasa vya myandagaro vy’inama nkenguzamateka ,Reverien NDIKURIYO yaboneyeho akaryo ko gukeza umurwi w’intamba mu rugamba rwabatarenza imyaka 20 uheruka kuronka uburenganzira bwo gukina inkino za nyuma z’igikombe ca Afirika kizobera mu gihugu ca Niger.


Vianney BIKORIMANA

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.