Ingingo yafashwe n’ubutungane ntiyubahirijwe ku mukozi wa SOSUMO

Yanditswe na IGIHE
Kuya 11 Mukakaro 2017 saa 11:23
Yasomwe : 13473
0 0

Umukozi w’ishirahamwe SOSUMO yari yahawe umwidegemvyo w’agategeanyo aracapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Rutana, inyuma y’iminsi itandatu iheze hafashwe ingingo y’uko yorekurwa, kuko ata vyagiriji bikwiye vyari bihari kuvyo akurikiranwako.

Boniface Nibigira yafashwe kuva kw’igenekerezo rya 18 Rusama 2017 yagirizwa ko yimbishije ikinogo c’ugutamwo abantu bagandaguwe n’abadashigikiye ugusubira kwitoza kw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA mu mwaka w’2015.

Imbere y’abacamanza, uwo mukozi wa SOSUMO yari yasiguye ko ico kinogo cimbwe cari ico gutamwo imiti yataye igihe yakoreshwa kw’ivuriro ry’ishirahamwe SOSUMO, ariko umushikiranganji w’amagara y’abantu akaba yari yategetse ko iyo miti yojanwa guturirirwa ahandi.

Mu gihe Sentare itarashikiriza igituma uwo mukozi wa SOSUMO atararekurwa kandi ingingo yafashwe ari iy’uko yohabwa umwidegemvyo w’agateganyo, mu muryango wiwe bavuga ko ariko ararenganwa, bagasaba ko yorekurwa.


Kumenyekanisha

1
Ntahondi fabiyano 16-07-2017 à 08:23

Iryo nirementanya bamurementanirije,, uburundi bwikigihe busigaye bugoye nkakagori kici.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha