IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ishirahamwe NTABARIZA risaba ko abahawe ikigongwe n’umukuru w’igihugu (...)

Ishirahamwe NTABARIZA risaba ko abahawe ikigongwe n’umukuru w’igihugu barekurwa hisunzwe amategeko

mardi 2 janvier 2018

Mu kiganiro ku bamenyeshamakuru co kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 1 nzero 2018, uwurongoye ishirahamwe NTABARIZA, NSHIMIRIMANA Jean Marie yasavye abajejwe amabohero hamwe n’abajejwe gushira mu ngiro ingingo y’umukuru w’igihugu ko botunganiriza abanyororo nk’uko amategeko abivuga.

Jean Marie NSHIMIRMANA asaba kandi abanyororo bagiye kurekurwa ko bokwigenza neza mu miryango no mu kibano, no mu mice yose y’ubuzima bagiye kubamwo inyuma yo kurekurwa.

Mu gihe abanyororo babandanya biyongera, mw’ishirahamwe NTABARIZA basaba ko hopfungwa abakwiye gupfungwa, abagirizwa ivyaha bitobito bagaciribwa ibihano bingana n’ivyaha bakoze.

NSHIMIRIMANA Jean Marie avuga ati : « Birababaje kubona umuntu apfungwa azira nko kwiba igitoke agaca yinjizwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba, kugira abonane n’umucamanza bikaba ingorane. Birakenewe ko abagirizwa ivyaha bitobito bahabwa ibihano bakwiranye. »

Arongera akavuga ati :« Birakwiye ko hajaho umugambi wo kworohereza abanyororo bakaza barakora ibikorwa vy’iterambere rusangi, gutyo ibihano bikagabanuka. »

Ibitigiri bikaba bikomeza kwiyongera aho mw’ibohero rikuru rya Mpimba, ryari ryagenewe kwakira abanyororo 800 ubu ririmwo abanyororo 3.670, ibohero rya Ngozi naryo ryari ryagenewe kwakira abanyororo 400, ubu rikaba ririmwo abanyororo 1679. Mu gihugu cose abanyororo bakaba bageze kuri 10140


Pacifique BUKURU

Messages

  • Iyi inkuru ntivyumvikana neza. Niba mu Burundi bose abanyororo bareke kuri 10.140.000, nukuvuga ko ata murundi numwe acidegemvya, binda zibiri mu ndarindiriye, abana babiri kw’ibere, imicuko, abari mu amashule mato mato nayisumbuye bose, abo muri Kaminuza, abikorera utwabo, abakozi ba Reta, abarimyi, bose barapfunzwe ? Nibaza ko uyu mwanditsi akwiye gufata inyigisho nkarishabwenge.

  • Nigeze kwandika iciyumviro ariko nsanga kirimwo amakosa menshi. Nari nashatse kuvuga ko iyo nkuru mwanditse irimwo amahinyu menshi. Ntivyumvikana ukuntu mwokwandika ngo" Mu gihugu cose abanyororo bageze kuri 10.140.000. Kuko nivyaba ari vyo, n’ukuvuga ko mu Burundi bwacu, n’inda ziri munda zirapfunzwe, zipfunganywe na ba nyina bazo, imicuko yose irapfunzwe, abanyeshule bo mu mashule matomato, abiga n’abatiga, abari mu mashule yisumbuye na Kaminuza, abashingantahe bose n’abapfasoni babo, impfumvyi n’abapfakazi, bose boba bapfunzwe. Kuko mwama mutubwira ko igitigiri c’abarundi bose kigera hafi ku miliyoni 10. Nibaza ko uwo mwanditsi yibeshe, canke akwiye guhabwa inyigisho
    nkarishabwenge

  • Turashmiy nyakubahwa umukuru w’igihugu cacu kukigongwe yagriy bamwe mubanyororo tkabhimiriz kugra umwifato mwiza n’imigenz myiza aho bgiye gusubira mumiryan yabo bkavavanur ninges mbi bhozemwo. Abarundi brayamaz ngo intumva zamaho arik ivyo sivy tbipfurije

  • Ico Gitigiri No Mu Gihugu Hagati Jew Nibaz Ko Ata Kirimwo None Abari Mu Mabohero Nibo Benshi ?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.