Ishirahamwe PARCEM rirerekana ico Reta yokora mu gutorera inyishu ikibazo c’igitoro

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 1er Ruheshi 2017 saa 09:31
Yasomwe : 11781
1 0

Umukuru w’ishirahamwe ryishinze guhamagarira abarundi guhindura ingendo PARCEM asaba Reta gukorana mu maguru masha kugira yige ikibazo c’igitoro,kandi itange intumbero y’uk abanyagihugu bkwifata muri iki gihe.

Faustin NDIKUMANA arongoye ishirahamwe PARCEM amenyesha ko hageze ko Reta ivuga ukuri ku bijanye n’uko ubutunzi bw’igihugu bwifashe. Avuga ko bitoroshe kunyegeza ukuri kw’uko ibintu vyifashe mu bijanye n’ubutunzi.

Kubwa Faustin NDIKUMANA amenyesha ko Ibanki Nkuru y’Igihugu ifise uruhara rukomeye mu bijanye n’igitoro,kuko ariyo itegerezwa kugenzura kandi igakurikiranira hafi ingene ibidandazwa biva hanze vyinjira,ikagenzura kandi ingene amafaranga y’agaciro atembera mu gihugu.

Umukuru w’ishirahamwe PARCEM aho ibintu bigeze uno munsi,hakenewe ingabire n’ingurane zihuta ku gihugu,kugira zifashe mu gisata c’igitoro.

Haraheze hafi ukwezi hibonekeza ubukene bw’igitoro mu gihugu, bigatuma haba ikibazo co kwiyunguruza haba mu gisagara ca Bujumbura canke hagati mu gihugu


Kumenyekanisha

1
Niyinzigama constantin 2-06-2017 à 07:20

Non nikuki igitoro tukibura kandi turi hafi yimbib

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha