Umushikiranganji wo kumenyesha amakuru,Serges NDAYIRAGIJE yamenyesheje ko imvo n’imvano y’iryo tegeko ari kugira ibikorwa mwuwo mwuga vyisunge amategeko y’igihugu n’amategeko mpuzamakungu bibone gufasha umumenyeshamakuru mu kazi kiwe ka misi yose.
Bimwe mu bibazo abakenguzamateka babajije bijanye nukumenya igituma mu gihugu ata shure ryigisha ibijanye no kumenyesha amakuru ririho hamwe nikiriko kirakorwa kugira rishirweho.
Umushikiranganji Serges NDAYIRAGIJE yishuye ko aza yaravuganye n’umushikiranganji ajejwe inyigisho z’amashure ya Kaminuza kugira iryo shure rishirweho.
Iyo nteguro y’ibwirizwa yemejwe n’abakenguzamateka ijana kw’ijana n’abakenguzamateka 32 bari bitavye hamwe na 6 bari batumye.
IZINDI NKURU ZIJANYE N'IYI |
![]() Umukuru w’igihugu yatanze inyigisho kubakozi batandukanye bo mu bushikiranganji bw’ubutungane
2.11.2018 |
![]() Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yakoranije inama nshikiranganji
31.10.2018 |
![]() Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yatanze inyigisho zo gukundisha igihugu ku bamenyeshamakuru
30.10.2018 |
![]() Abakomiseri baheruka gutorwa muri CNIDH barahiye murayo mabanga
11.10.2018 |
![]() Uwahoze ari buramatari wa Bubanza yagenywe kuba umwunganirizi
5.10.2018 |
SOMA IZINDI NKURU MURI "Intwaro ibereye"... |