IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Iyindi miryango irenga 500 y’abarundi bishwe yituye ubutungane (...)

Iyindi miryango irenga 500 y’abarundi bishwe yituye ubutungane mpuzamakungu

mardi 28 Ntwarante 2017, par Egide NDUWIMANA

Abashingwamanza bo mu runani rw’abashingwamanza biyemeje kuburanira imiryango y’ababuriye ababo mu bwicanyi bwabereye mu Burundi (Collectif des Avocats des Parties civiles et des familles des victimes des crimes commis au Burundi) bashikirije Sentare mpuzamakungu mpanavyaha ibindi birego vy’imiryango 124, hamwe n’imiryango 431 y’abanywanyi ba FNL ivuga yagandaguriwe abayo n’ubutegetsi.

Abo bashingwamanza batatu bituwe n’iyo miryango ni Armel NIYONGERE wo mu rwego rw’abashingwamanza b’i Bujumbura, Lef FORSTER wo mu bashingwamanza b’i Paris mu Bufaransa, hamwe na Bernard MAINGAIN wo mu rwego rw’abashingwamanza b’i Buruseri mu Bubirigi. Bose bakavuga ko abagirizwa ubwo bugizi bwa nabi bategerezwa kuzobibazwa imbere y’ubutungane, kuko ku bw’abo bashingwamanza, ivyemezo vyashikirijwe n’ababibonye hamwe n’amasanamu biriho.

Mw’itangazo abo bashingwamanza batatu basohoye, bamenyesheje ko biteguriye gufasha iyo miryango gushikira ubutungane mpuzamakungu, kugira ukudahana ivyaha guhagarare mu Burundi.

Iyo miryango mirongo 555 ije ikurikira iyindi 110 yaheruka kwitura urwo runani rw’abashingwamanza batatu nyene kugira bayiserukire mu gusaba ko abakoze ubwicanyi ndengerabutungane boshengezwa mu butungane mpuzamakungu.


IGIHE

Messages

  • tuzemera ko muburanira ukuri mwegeranije na dossien ziri 72. zomuri ntega marangara 93 nizubu .zabashigikiye ubutegetsi bishwe.nabandi bariko baricwa babatutsi kuko batahunze.bategwa powder mukwicwa .nimukora guryo impade zose muzivuganire muzoba mukoze ivyiza not muhindure ibikogwa nvyanyu poritic

  • Mucamanza Armel nagira ngushimire kuburanira ababuzababo hamwe nabobazungu murikumwe ,arikongira nkubazo uwomukino murimwo witwangwiki??kotuziko FNL yishe abantubeshi uyumusi mutanguye kuyiburanira abayoyiciwe gute??kandituziko irimuriyo Leta bipfuza kuburanya mwumva ivyanyu bitagezekure!! Ok nimuburanirabo abeshi twabuzabacu 72 muzoca mutuburanira inyumayabo koharimwo ububirigi nisawa .arikwanyabwenge iyubwengebwabo buhindutse ubupfu burabashuka!! Murabokubabarigwa kukomwiha ivyomudashoboye

  • Nivyiza cane kubabobantu bituye abashirwamanza kugira bazobafashe kwitura iyo sentare mpuzamakungu,nibakomere nayo ngaha iwacu ntabutungane bukihararwa.

  • Nivyiza cane kubabobantu bituye abashirwamanza kugira bazobafashe kwitura iyo sentare mpuzamakungu,nibakomere nayo ngaha iwacu ntabutungane bukihararwa.

  • Uwo Mushingantah Mbona Abagabo Bari Naho Bari N TAndero Agira Yibutse Abantu Batuririye Mumabarabara Ntaba Yubahuka Kudedemba Ivyo

  • urubanza gwa gwagasore mwarariye ugwa ndandaye murarya ugwa ntaryamira.none mujanye irahe ugwa fnl.niwironderere agafaranga sha kubazungu nokurabo ugiye gucuruza nawe wiyubakire mububirigi.usazwe uva nomumuryango ukenye.ivyukora ubikorana inzara nishavu ryahugipanze.

  • poritike numuriro uwucanye urawota

  • yaba warumugabo wodukwirikiraniye ubanza gwa perezida Ndadaye ! Ariko Kubera Amacakubiri Ufuse Ninda Ndende Ntushoboye !. Uwo Mwuga Watoye Ntituro Wibagira Muri Yamigumuko .

  • ihiiii biratomooye turabonye aho bahengamiye nico bashaka mbe ndareka ayandi ma dossiel mwavuze ntibabigwe kuburanira imiryango yaburiye ababo mwisoko ya kivyuka bubanza. bishwe kumanwa yihangu izuba riva kuri buyoya muvyure imanza aburanigwa nibenshi kandi dufitiye ivyemezo.

  • Izi mbonerakure,SNR,API,icitwa igipolisi, nabasoda bakorera DD bagiye gukubitwa intahe mugahanga kumabi bamaze imisi bakorera abarundi!!! Congratulations kugikorwa ciza cabo bashingwamanza!!!! Go forward guys

  • Ikibabaje nikmwe kabisa kandi wumviriza bigatera isoni uvyumviriza:Mbega abapfuye kuva muri 1972 sinaribwo mvuke,ese ntibari abantu;Ntega na MARANGARA bo kubera bari abahutu muca muvyirengagiza,RWAGASORE.NDADAYE,bo ngira ngira nubunyegeri data wanje!!!!!! Canke se kuki mutibuka abaturijwe amapine?????????????????

    IVYANYU BITEBE BITEBUKE BIZOHINYUKA DUSABE KURAMBA

  • MUNKUNDIRE NIBARIZE ALMEL NIYONGERE NABO BAFADIKANIJE MURI UBWO BUTUNGANE KURI BAMWE KANDI VYOBA VYIZA NDONSE INYISHU/
    1Jewe muvukuri muri 1972 sinaribwo mvuke mugabo kumyaka ngezeko ndamaze kumenya ivyabaye kuko bimwe nabibwiwe nabandetse ibindi mvyisomera muri kahise:None se ko atabutungane bwahabaye nanuyu munsi nkaba ntumvise mubashira no mubo mugiye kuburanira bo ntibari abantu ndetse ko bari nabarundi??????Munampe umuco ndetse abarundi isinzi tubimeneye ko igituma abo i NTEGA NA MARANGARA mutabashizemwo mubo mugiye kuburanira bo batari bakwiye kubaho
    2 Mbega RWAGASORE ,NDADAYE nizindi ncungu ko mutibuka kubaburanira ngo abarundi tumenye ukuri batandukaniye he nabo mugiye kuburanira???????
    3 Abaheruka gutuririwa muma pineu vyo twaranavyiboneye na maso yacu ko ntarigera numva nùuwubacisha mukanwa ngo baje mubaburanirwa????NONE SE MUBURANIRA BANDE MUKAREKA BANDE,????? NIBANDE BAKWIYE UBUTUNGANE,NIBANDE BATABUKWIYE,??????

  • UKORA HASI UKIBUTSA UMUSURE KUGURUKA NIZERE KO MWIBUKIJE INDONGOZI ZACU NABARUNDI KWITWARIRA ABAGIZE URUHARA MURI GENOCIDE YAKOREWE ABAHUTU 1972,ABISHE NDANDAYE NA RWAGASORE,ABA NYAGIHUGU BICIWE I MUSIGATI AHO MUKIVYUKA IZUBA RYAKA TUMENENYE ABABIKOZE NAKO BAHANWE KUKO TURABAZI NDETSE NABISHE ABANYAGIHUGU BAKANABATURIZA AMA PINEU BABONA NIBINDI VYINSHI NTADONDAGUYE................. MURAKOZE KUTWIBUTSA RETA YACU IBIKOREREKO

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.