Jean Bosco NTUNZWENIMANA:“Kubaka amazu ya Reta n’umwitwarariko wacu ”

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 1 August 2018 saa 04:50
12420
0 0

Umushikiranganji ajejwe gutwara ibintu n’abantu,ibikorwa vya Reta,ibikoresho no gutuganya amatongo amenyeshako umugambi wo kubaka amazu ya Reta kugira umugenzo wo gukota uhave ,vyagizwe umwitwarariko muru bwo bushikiranganji kandi hamaze gukorwa ibitari bike.

Mu kiganiro kubamenyeshamakuru kuruyu wa gatatu ariko ashikiriza ivyaranguwe mu mezi atandatu aheze,umushikiranganji wo gutwara abantu n’ibintu Jean Bosco NTUNZWENIMANA amenyeshako Reta yamaze gufata umugambi wo kwiyubakira amazu yayo kandi hariho ubushikiranganji hamwe n’ibindi bisata vya Reta gushika ubu bikorera mu nyubako zayo bwite.

Jean Bosco NTUNZWENIMANA yavuze ati: “Kubaka amazu ya Reta n’umwitwarariko kugira tuve muvyo gukota,turamaze gukora ibitari bike.”

Uyo mushikiranganji ajejwe gutwara abantu n’ibintu,ibikorwa vya Reta ,ibikoresho no gutunganya amatongo avuga kandi ko hariho amadosiye ajanye no kurondeza uburyo kugira hubakwe amazu ya reta barindiriye kw’icegeranyo cavyo kibashikira.


Kumenyekanisha

1
Twaje 2-08-2018 à 01:17

Ivyonimwabikora muzobamukoze ikindikintu cokwerekana kotwikukiye vyukuri, komereza aho tubarinyuma.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha